I. Abakomiseri bashasha bagize umugwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi baraye batowe n’inama nshingamateka. Uko ari 13 batorewe ikiringo c’imyaka ine. Ariko ayo matora yabaye abagize umugwi w’abashingamateka b’umugambwe CNL basohotse, bagiriza umugambwe CNDD-FDD ko ari wo wazanye abitoza.
II. Ugupfungwa imyaka 15, kuriha ihadabu ry’ibihumbi amajana atanu. Ni co gihano caciriwe inyamiramabi yo muri komisariya y’igipolisi ya Rumonge. Hari mu rubanza rw’ikibiriraho rwo kuri uyu wa gatandatu, aho yagiriwe n’icaha co gusambanya umukenyezi yari apfungiwe mu gasho k’igipolisi mu Rumonge.
III. Bamwe mu nyamiramabi bakorera kuri parquet nkuru y’igihugu mu ntara ya Gitega baragirizwa kwaka ibiturire ababitura. Abanyagihugu b’i Gitega bitura izo nyamiramabi, bavuga ko igihe cose babasaba kubanza kubafumbatisha imbere yo kubakira. Basaba ababakurira gukurikirana ico kibazo, mbere izo nyamiramabi zigashengezwa.
IV. Parquet ikukira sentare nkuru ya Muha yaraye ifashe ingingo yo kurekura ivy’imfatakibanza umushingwamanza Sandra Ndayizeye, yari amaze imisi 9 apfungiwe mw’ibohero rya Mpimba, mu rubanza aburanira Dr Sahabo Christophe arongoye ibitaro Kira. Irekurwa rya Me sandra Ndayizeye ngo ntaworeka kurishima nk’ukwo bivugwa na Me Janvier Bigirimana, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi akaba yaranonosoye n’amategeko. Avuga ko ubutungane bw’Uburundi butoza burapfungira abantu ubusa, kugira bwitege gushimirwa inyuma yo guhonyanga amategeko.
V. Charles Mbonankira, umurimyi-mworozi wo muri komine Kayanza yararekuwe kuri uyu wa gatanu inyuma yo guhagarikwa n’igendereza ryo mu ntara ya Kayanza. Charles Mbonankira yarekuwe amaze gushikanwa mu biro bikuru vy’igendereza mu gisagara ca Bujumbura, ari kumwe n’abandi babiri. Abo babiri bakaba bagipfunzwe n’igendereza aho mu gisagara ca Bujumbura. Amakuru ava muri bamwe mu begereye igendereza, avuga ko abo bagabo bafashwe ku musi wa kane kw’itegeko ry’uwitwa Vincent Ndagijimana batazira Visenti, yimba ubutare muri komine Kabarore, intara ya Kayanza. Ngo yoba abagiriza kuba badomako urutoke ku mabi akorera abanyagihugu mu kubanyaga no mu kubapfungisha. Ku musi wa kane, abantu batanu bakaba ari bo bari bahagaritswe kuri izo mvo nyene, batatu muri bo bakaba ari bo bamaze kurekurwa, nk’ukwo amakuru ava mu Kayanza abivuga.
VI. Uno munsi, ikigabane Kw’Isôko kiza guhagarara kw’irungikwa ry’abasirikare b’Uburundi mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.