Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/10/2022

Publié le 11 octobre 2022 par Rédaction
I. Uwurongoye urwego rw’umuryango w’ibihugu vya Afrika rujejwe agateka ka muntu CADHP, rusaba leta y’Uburundi guhagararira umutekano w’abaharanira agateka ka muntu bagera kuri 12 bagirizwa kugira uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi muri Rusama 2015. Ivyo biri mw’ikete commissaire Rémy Ngoy Lumbu yandikiye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, mu gihe hitezwe muri kuno kwezi i Banjul muri Gambie ku cicaro c’iyo shirahamwe rya Afrika inama iraba agateka ka muntu muri Afrika, iyo dosiye y’imiryango y’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi ikaba iri mu yitezwe kwigwa n’iyo nama.
II. Isi yose iriko irahimbaza kuri uno wa 11 Gitugutu, umunsi wahariwe umwana w’umwigeme. Mu Burundi, ngo haracibonekeza ubusumbasumbane hagati y’abana b’abahungu n’abigeme. Ivyo vyose ngo biva aha nini ku kutamenya. Bivugwa na Marie Louise Baricako arongoye umuhari INAMAHORO w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Mw’itangazo bashize ahabona, uwo muhari urashima utwigoro twa leta mu guha agaciro abigeme, ugahamagarira n’abigeme ubwabo gufatana mu mugongo kugira bashobore kwerekana ico bashoboye mw’iterambere ry’igihugu.
III. Ipfungwa ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye ryerekana neza ko atakirahinduka na kimwe mu bijanye n’agateka ka zina muntu, na rirya hari abashigikira Uburundi bavuga ko hari icahindutse. Bivugwa n’ishirahamwe ACAT-Burundi rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi. Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT, asigura ko ipfungwa ryiwe ridakurije amategeko na rirya arengeje imisi 30 apfunzwe kandi atararengutswa imbere y’ubutungane. Bagasaba ko yorekurwa atakirinze gusabwa kuko ataco ariko arazira.
IV. Hari abagabo bane bo ku musozi Taba na komine Ruhororo mu ntara ya Ngozi, kuva kuri uwu wa mbere bapfungiwe mu gasho k’inyamiramabi muri iyo komine. Umusore umwe muri bo w’imyaka 29 yagirizwa ko yishe mw’ijoro ryo ku musi w’Imana uheze buca ari ku munsi wa mbere, umukenyezi w’imyaka 46 yarazwi kw’izina rya Ciza Serafina, amukubise umusekuzo mu mutwe. Nk’uko bishikirizwa n’abajejwe intwaro muri iyo komine, ngo abo bandi bagabo batatu bapfunganywe n’uwo musore bakaba bafashwe ku mvo z’amatohoza ajanye n’urwo rupfu. Mukamenya ko ubwicanyi bufatiye k’ukwaka abandi ubuzima muri iyo komine, bwaheruka mu ntango z’ukwezi kw’icenda guheze aho abagabo babiri bo ku misozi ya Gitanga na Kinyami bishwe n’abagore babo.
V. Abasirikare batatu bahoze bakorera mu biro bijejwe ivy’indinganizo y’imishahara n’ibindi bikoreshwa amafranga mu gisirikare BT, baraye batumweko n’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare ubutarariye, kuri uyu wa mbere, ngo batahuke mu gihugu. Indege izobatahukana ibakura mu gihugu ca Centrafrika akaba aribo bazoyirihira, nk’uko biri mu butumwa bita message bwarungitswe muri contingent igira indwi y’abasirikare b’abarundi bari muri centrafrika, mu rwego rwa ONU MINUSCA. Amakuru ava mu gisirikare akavuga ko batumweko ngo babazwe ku busuma bwabereye mu gisata bahora bakoreramwo BT.
VI. Iduzwa ry’ibiciro vy’ibifungurwa vya nkenerwa riribonekeza mu ntara ya Rumonge, ibiteye ubwoba bamwe mu baba muri iyo ntara. Ibifungurwa nk’ibiharage, umuceri, n’ifu bikaba vyiyongereyeko amafranga ari hagati y’amajana atanu n’igihumbi, mu kiringo kidashikana ukwezi. Abasuma bagasaba ababarongoye gutorera umuti ico kibazo, mugihe basanzwe bugarijwe n’ubukene.
VII. Ingingo iherutse gufatwa na Musitanteri wa komine Muyinga yo kugara udusoko 2 duto duto hamwe n’utuzu twokudandarizamwo, ku mutumba wa Mukoni mu micungararo y’umurwa mukuru w’intara Muyinga, ngo yazanye ingaruka mbi ku baguzi mbere no mu miryango muri rusangi. Ivyo bimenyeshwa n’abaguzi bamwe bamwe baruhishwa no gusumira mw’isoko nshasha yo ku Mukoni aho barinda kuriha amahera ari hagati ya 1.500 na 2.000 yo kwiyunguruza, kandi ubwa kera basumira kw’irembo.
VIII. Ishirahamwe CBDH-VICAR riharanira agateka k’impunzi rirababazwa n’umugambi utegekanijwe wo gutahukana ku nguvu impunzi z’abarundi ziri mu karere k’ibiyaga binini. Mw’itangazo ryasohoye kuri uyu wa kabiri, iryo shirahamwe rirerekana ko hari umugwi w’impunzi zidashobora gutaha mu gihugu umutekano wazo udakingiwe. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe, asaba igisata ca ONU citaho impunzi kw’isi HCR, kugondoza leta y’Uburundi ikemera ibiganiro bihurikiyemwo impande zose, kugira impunzi zitahe zivyiyumvamwo.

Ibindi bisa n'ibi