Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/10/2022

Publié le 13 octobre 2022 par Rédaction
I. Italiki 13 Gitugutu 1961 – italiki 13 Gitugutu 2022. Haraheze imyaka 61 umuganwa Ludoviko Rwagasore agandaguwe. Abarundi kuri iyo taliki bakaba bama bamwibuka. Mw’iragi yasigiye abarundi, hari ijambo ryiwe yavuze mu mwaka wa 1961 risa n’uko ridasaza. Aho hari igihe umugambwe UPRONA watsinda amatora ya mbere abereye mu Burundi. Ico gihe yavuze ko intsinzi ari iy’abarundi bose, kandi uwutsinze atwarira bose, ku neza ya bose.
II. Kuri uyu musi, mu nkuka y’imisa yabereye kuri cathédrale Regina Mundi musenyeri Gervais Banshimiyubusa yasavye abategetsi b’igihugu gukurikiza iragi rya Rwagasore we yashira imbere ubumwe bw’abarundi. Abasaba kuvavanura n’amacakubiri yaranzwe mu Burundi muri kahise, no gushira imbere ibikorwa.
III. Iragi umugwanwa Ludoviko Rwagasore yasigiye Uburundi ntiryigeze rikurikizwa n’intwaro zose gushika n’ubu. Bivugwa na bamwe mu mpunzi z’abarundi zaganiriye na radiyo Inzamba kuri uyu musi twibuka imyaka 61 umuganwa agandaguwe. Izo mpunzi zivuga ko abarundi babayeho mu mabi menshi bakorerwa n’ubutegetsi butandukanye.
IV. Imyaka indwi irarumanye Christophe Nkezabahizi yakorera iradiyo y’igihugu mu gisata co gufata amasanamu agandaguwe, hamwe n’umuryango wiwe bose. Mu bamugandaguye harimwo bamwe mu bakozi biperereza nk’ukwo bishikirizwa n’abegereye umuryango; aho bamenyesha ko kugeza ubu ataco ubutungane burakora. Bagasaba umukuru w’igihugu kugira amatohoza akwiye ku bijanye n’urwo rupfu.
V. Hari umugabo apfungiwe ku kirindiro c’igipolisi ku mutumba Buheka, zone Kazirabageni, muri komine Nyanza-lac mu ntara ya Makamba. Sayumwe Josafate yahagaritswe kuri uyu wa gatatu yitwariwe n’uwo bubakanye amwagiriza ko akoresha amangetengete. Ivyo vyabaye inyuma y’aho umwana w’uwo muryango yitabiye Imana. Uwo mukenyezi akavuga ko urwo rupfu rwandurutse kuri ayo mangetengete y’umugabo wiwe. Muri iyo komine nyene, kumutumba Kiderege, umudandaza azwi kw’izina rya Nzoyikorera Égide yaraye yitavye Imana inyuma y’isanganya aho yahitanywe n’ipikipiki, mu gihe yarapakiye ama bidons menshi y’amavuta agiye kw’isoko rya Muyange iri mur’iyo komine nyene.  Ikiziga kikaba caciye kijanwa mu buruhukiro bw’ibitaro i Nyanza-lac. Abanyagihugu bakavuga ko gupakira ibirenze ku mapikipiki n’amakinga bitera impanuka nyinshi muri ako karere.
VI. Abana b’abigeme bagera ku 96 bataye ishure kubera gutwara inda z’ishushu mu ntara ya Muyinga mu mwaka w’ishure uheze, ngo ni ikimenyetso c’uko indero y’abana b’abigeme ititaweho mu mashure shingiro muri iyo ntara. Ivyo bisigurwa na Eulalie Nibizi, umwe mu bitaho indero mu mashure y’intango mu mashirahamwe adaharanira ibibanza vya politike, inyuma yaho urwego rujejwe indero mu ntara ya Muyinga rutangaje ico gitigiri, igitigiri giteye ubwoba ku bwa Eulalie Nibizi.  Avuga ko ingaruka ari mbi cane mu buzima bw’abo bana, yaba abatwaye izo nda zo ku ndaro, canke abo bagiye kuzokwibaruka, bose ngo bafise amahirwe make muri kazoza kabo kajanye no kwiga amashure.
VII. Hari abagabo babiri bava muri komine ya Mutaho intara ya Gitega, bafashwe kuri uwu wa kane n’igipolisi mu gisagara ca Ngozi. Evode Niyindamutsa na Isaac Nduwimana bagirizwa kuba biba amaterefone y’abantu iyo buhwibiriye, kandi bakoresheje amapikipiki. Mu gihe bafatwa, bari mu nzu yakira ingenzi aho nyene mu gisagara ca Ngozi. Igipolisi kikaba cabasanganye terefone zitanu zo mu bwoko bwa Smartphone, ikarata sim 12 z’umuhora w’ugutumatumanako amakuru wa Lumitel, ikarata sim 3 z’umuhora wa Econet Leo n’ikarata sim imwe y’umuhora wa Onamob. Abo bagabo bakaba basanze mu gasho abandi babiri baheruka gufatwa bivye terefone zitatu, mu gihe na bo nyene bakoze ico caha bari kw’ipikipiki. Kubera irwirirana ry’ubwo busuma mu ntara ya Ngozi, ishirahamwe ry’abagendesha amapikipiki atwara abantu n’ibintu bariyamiriza ubwo busuma, bakavuga ko butukisha abatunzwe n’uwo mwuga, bagasaba ko ababikora bofatwa bagahanwa maze bugatuzwa.
VIII. Igisagara ca Bujumbura gihomba amafranga yababa imiriyoni 33 y’amadolari y’amanyamerika ku mwaka ku mwaka bivuye ku ngaruka z’ihindagurika ry’ibihe. Nayo ama komine agera kuri 50 ni yo abangamiwe gusumba ayandi n’izo ngaruka. Ivyo vyashikirijwe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’umutekano André Ndayambaje, mu gihe hahimbazwa umusi mpuzamakungu wo kurwanya ibiza, umusi uhimbazwa ku wa 13 Gitugutu uko umwaka utashe.

Ibindi bisa n'ibi