I. Abasirikare b’abarundi barenga batanu ni bo bakomerekeye mu ntambara ziriko zibera mw’ishamba rya Kibira, hafi y’urubibe n’igihugu c’Urwanda muri komine Mabayi y’intara ya Cibitoke, mu ndwi iheze. Abasirikare bavuga ko bariko batuza umugwi w’abarwanyi ba FDLR ugizwe na bamwe mu bakoze ihonyabwoko ry’abatutsi mu Rwanda mu mwaka wa 1994. Abo basirikare basaba leta y’Uburundi gutegekanya indege za kajugujugu zinyarukana kwa muganga abakomeretse kuko aho intambara zibera ari kure y’amabarabara.
II. Musitanteri wa komine Butihinda mu ntara ya Muyinga, Révocat Ruberandinzi, yahagaritswe mu mabanga yiwe ku ngingo yafashwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano, Martin Niteretse. Mu vyo yagirizwa harimwo kunyuruza amatungo ya komine, gutanga amasoko hadakurikijwe amategeko be no kutubaha abamukurira. Ariko amakuru ava mu begereye intwaro muri komine Butihinda amenyesha ko iruhande y’ivyo birego bigaragara mw’ibaruwa ry’umushikiranganji amutwara, Musitanteri Révocat Ruberandinzi yoba azize kuja mu bikorwa vyo gucukura inzahabu, batahurizako na Buramatari w’intara ya Muyinga, J.Claude Barutwanayo. Révocat Ruberandinzi akaba yagirizwa kandi no kunyaga amatongo y’amashirahamwe ya politike ata ngingo n’imwe yisunze. Ruberandinzi akaba ahambije mugenziwe Janvier Ndagijimana yahora arongoye komine Giteranyi yakombowe muri ayo mabanga haraciye amezi 6.
III. Abatozakori 23 bari bajejwe kwegeranya amakori n’amatagisi muri komine Busoni y’intara ya Kirundo bari mu minwe y’inyamiramabi guhera ku musi w’Imana uheze, aho bariko bagirwako amatohoza ku mafranga boba baranyuruje mu gikorwa co kwegeranya ayo makori n’amatagisi, nk’uko amakuru atangwa n’intwaro aho i Busoni avyemeza. Ayo makuru akavuga ko iryo nyuruzwa ry’ayo mahera ataramenyekana igitigiri, ryagiye kugaragara inyuma yaho inama ya komine igize isuzuma ry’amakori atozwa, igasanga urugero rw’ayahora atozwa rwaramanutse cane.
IV. Igipolisi ca Tanzaniya kuri uno wa gatanu carafashe abantu bane bo mw’ikambi ya Nduta bariko badandaza imboga n’ivyamwa. Abo bantu bakaba baciye bajanwa gupfungirwa mu gasho k’igipolisi i Nduta aho bakubiswe barashaya. Umwe akaba yahavuye yitaba Imana mu gatondo ko kuri uno wa gatandatu, uwundi nawe akaba ari indembe kubera amahiri.
V. Gutahukana ku nguvu impunzi z’abarundi ziba mu gihugu ca Tanzaniya ni ingingo iteye isoni kandi ihonyanga amategeko mpuzamakungu ajanye no gukingira impunzi. Ivyo bivugwa na Vital Nshimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike FORSC. Iyo ngingo ayiyamirije inyuma yaho ifatiwe mu nama iheruka kubera i Geneve mu gihugu c’ubu Suisse hagati y’abaserukira igihugu c’Uburundi, Tanzaniya n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’impunzi HCR. Vital Nshimirimana avuga ko ishirahamwe HCR ritari rikwiye kugwa mu mutego mu gushigikira iciyumviro co gutahukana impunzi, zonyene zitavyishakiye.
VI. Ishirahamwe Brarudi ryadugije ibiciro vy’ibinyobwa rihingura kugeza ku bice 31 kw’ijana. Aho ni mu gihe ivyo binyobwa bimaze igihe bikenye mu mihingo nka yose y’igihugu. Ngo ibihe abarundi barimwo ntivyari ivyo kuduza ibiciro ku baguzi, ahubwo leta ngo yari ikwiye kubimanura aho bishoboka hose. Uko niko abaguzi babibona inyuma y’iyo ngingo yo kuduza ibiciro vy’ibinyobwa yagiye mu ngiro guhera kuri uno wa mbere. Bamwe mu banyagihugu bavuga ko ubuzima buzimvye mu gihugu buri mu bituma abarundi bata igihugu ku bwinshi, bakaja kurondera ubuzima mu bihugu vya Bulaya.
VII. Ivyo biciro inyuma y’aho bisohokeye, umushikiranganji wa mbere kuri uno wa mbere yaciye amenyesha ko bitegerezwa kwubahirizwa mu bunywero bwose, anashira ko n’uko ubwahora bwitwa VIP, n’ukuvuga ubunywero bwiyitirira ubw’iteka, na bwo nyene butegerezwa kugurisha ivyo binyobwa bukurikije ivyo biciro bishasha, kiretse inzu zakira ingenzi, n’ukuvuga amahoteli.
VIII. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu bo ku musozi Ngoro muri komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba. Bidogera musitanteri w’iyo komine ko asambura udusoko duto duto akongera agahohotera abaducururizamwo. Ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana, abapolisi bafadikanije n’urwaruka rw’Imbonerakure barasambuye agasoko ko ku Ngoro hafi y’umurwa mukuru w’iyo komine, bongera bahonyanga ibidandazwa bigizwe n’amatomati, imboga, ivyamwa n’utundi tudandazwa duto duto. Abababaye gusumba ni abakenyezi hamwe n’abageze mu zabukuru badashobora kurema amasoko ari kure. Basaba musitanteri w’iyo komine kureka utwo dusoko tugakora.
IX. Imyidogo ni myinshi ku bagendesha amapikipiki mu ntara ya Rumonge. Ni mu gihe hari umugwi w’imisore iri mu rwaruka rw’imbonerakure yiyadukije igafata amapikipiki, ikanasahura amafranga abunguruza abantu ku mapikipiki aho muri iyo ntara. Abo bibwa bakaba batumva impamvu ivyo vyose biba intwaro n’igipolisi birorera, ariko ntihagire ico bakora. Bagasaba iyo misore ko yohagarikwa ikanashengezwa imbere y’ubutungane.
X. Mu mupira w’amaboko handball, ihiganwa rigeze ku ndwi ya 2 n’iya 3 mu nkino zo gusubiza (phase retour). Umugwi Brothers ukaba ari wo uri mu kibanza ca mbere gushika ubu. Na yo mumupira w’amaguru ihiganwa ku rwego rw’igihugu Primus League bageze mu ndwi igira 10. Umugwi wa Aigle Noir ukaba ari wo ukiri mu kibanza ca mbere n’amanota 20.