I. Hari ikiziga c’umusore atamenyekanye catowe mu gitondo co kuri uyu wa kane mu ntara ya Muyinga. Ico kiziga kikaba gikwije igitigiri c’abantu 5 bagandaguwe muri iyo ntara mu kiringo c’indwi imwe gusa. Muri abo, abagabo batatu n’abakenyezi babiri ni bo bagandaguwe mu buryo butandukanye bicirwa no mu bibanza bitandukanye. Abajejwe intwaro bakaba bemeza ayo makuru.
II. Harafashwe imifuko itaramenyekana igitigiri y’ifumbire ya FOMI mu mihana y’abategetsi ba komine Kayogoro mu ntara ya Makamba, mu gitondo co kuri uyu wa gatatu. Iryo sakwa rikaba ryabaye inyuma yaho igipolisi kirasiye umuntu yariko aratwara ifumbire ya FOMI mu gihugu ca Tanzaniya, akoresheje ipikipiki ku musi wa kabiri, hari muri iyo komine nyene. Justin yarasanzwe yunguruza abantu akoresheje imoto yarasiwe ku mutumba Mayange muri zone Bigina.
III. Leta y’Uburundi irabandanya kwica amatwi mu gukoresha ivangura ry’amacakubiri. Ivyo bishikirizwa na Dr. Emmanuel Nkurunziza umunyamabanga mw’ishirahamwe AC Genocide igisata co muri Canada. Ni mu gihe iryo shirahamwe ryaraye risohoye urwandiko, ryiyamiriza ingendo ya leta yo gusubira kwankir imiryango kwibuka abana babo bagandaguwe batuririwe mw’ishure rya Lycée Kibimba, ku wa 21/10/1993 bazira ko bavutse ari abatutsi. Ico gihe hakaba haturiwe abana bagera ku 150, bamwe mu bashoboye gucika kw’icumu bakaba ari ibimuga kubera uwo muriro. Dr. Emmanuel Nkurunziza yibutsa leta ko iyo hageze kunamira abanyeshure b’abahutu bishwe muri kaminuza y’Uburundi ko babemerera ata nkomanzi, mbere na bamwe mu bategetsi bakavyitaba.
IV. Hafi itoni imwe n’igice y’ibihaharage ni yo mu misi itarenga ine imaze gufatwa n’igipolisi gikorera muri komine ya Kabarore, mu ntara ya Kayanza, mu gihe benevyo baba bariko bagerageza kubishorera mu mahanga mu kinyegero. Kubera urwo rudandaza rwa magendo rw’ibifungurwa rukorerwa muri ako karere, abajejwe intwaro baherutse gufata ingingo z’ukubuza abadandaza bo muri iyo komine barangurira ibifungurwa mu gisagara ca Kayanza kutarenza ibiro mirongo itanu (50 kg). Bakabikora naho nyene ku ruhusha bazoba bahawe na musitanteri.
V. Imvura ivanze n’umuyaga mwinshi n’urubura yaguye ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu muri komine ya Kabarore, mu ntara ya Kayanza yarononye imirima y’ibitoke, imyumbati, ibiharage n’ibigori. Hakaba hari ku misozi ya Rukere, Caratsi, Randa na Songore. Abakozweko n’iyo mvura basaba abajejwe intwaro, abagiraneza n’imvukira zibishoboye kubagarukirako mu kubaronsa izindi mbuto zo gutera. Abajejwe intwaro bakabasaba ko batocika intege ahubwo ko bosubira gutera izindi mbuto. Ivyo bikaba bibaye mu gihe intara ya Kayanza yari imaze imisi ata mvura igwa, imirima igasa n’iyari itanguye kwuma.
VI. Ingwano yo gushaka kwigarurira ibitaro vya Kira na bamwe mu bategetsi b’Uburundi irerekana neza ko igisata c’ubutungane kibohewe amaboko i mugongo n’ubutegetsi. Ivyo biri mu vyanditswe n’ishirahamwe ryigenga Initiative pour les droits humains au Burundi. Iryo shirahamwe rikavuga ko mu ngorane ivyo bitaro birimwo, n’imiburiburi abategetsi babiri bo mu nzego zo hejuru babifisemwo uruhara.
VII. Abavyeyi barereye kw’ishure ryisumbuye rya Nyarusange muri komine Mutaho, zone Rwizabi, mu ntara Gitega, bariyamiriza ingingo y’umuyobozi w’iryo shure Bigirimana Eliya aho ariko abategeka gutanga amafranga agera ku bihumbi bine, ku mwana wese ahatanguye umwaka w’indwi. Bakavuga ko batumva ingene batangishwa amafranga menshi kandi vyitwa ko biga ku buntu, bagasaba ko iyo ngingo yohagarara atakirinze gusaba.
VIII. Abanyagihugu bamwe bamwe bo muri komine ya Buhinyuza, intara ya Muyinga, baba ku mitumba 7 irangurirwako umugambi w’igihugu wishinze gukingira ibidukikije no gusubiza isi akanovera (PRRPB), baragirizwa n’uwurongoye uwo mugambi ko bariko barankiriza ibikorwa vyaranguwe kuri iyo mitumba mu gice cawo ca mbere. Asaba abarongoye intwaro gufasha guhimiriza abanyagihugu kudasubira kubomora no gufurira imikobeko yaciwe mu ntumbero yo gukingira isi ndimwa, hamwe no guturira ibiti vyatewe ku misozi itandukanye.