I. Imyaka 29 irarumanye umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye yari yatowe n’abarundi agandaguwe, inyuma y’amezi atatu gusa ashikiriye ubutegetsi ku wa 21 Gitugutu 1993. Ndadaye akaba mu ntwaro yiwe yari yashize imbere ubutungane kuri bose, kudapfungira abantu ubusa no kwubahiriza agateka ka zina muntu. Umukuru w’igihugu Ndadaye akaba yicanywe ico gihe n’abandi bamufasha kurongora igihugu. Inyuma yaho hakaba hakurikiye ubwicanyi mu bice bitandukanye vy’igihugu. Bukaba bwakozwe n’abantu bavuga ko bariko barihora ku rupfu rwa Melchior Ndadaye.
II. Mu nkuka y’imisa yasomwe kuri uyu musi, Musenyeri Anatoli Ruberintwari, icegera ca musenyeri wa Archidiosezi ya Bujumbura asaba abarundi kwunga ubumwe. Zimwe mu ntambamyi zibuza ubwo bumwe, ni umutima mubi, ukwigungirako, ugukumira, amacakubiri n’inzigo.
III. Musenyeri Anatoli Ruberintwari yasavye kandi umukuru w’igihugu kuba umuvyeyi koko, atezurire abapfunzwe. Na yo ku vyerekeye impunzi, yamusavye kugira ibishoboka kugira ngo zigaruke iwabo.
IV. Demokrasi nk’ukwo Melchior Ndadaye yayifuza ngo iri kure nk’ukwezi muri kino gihe mu Burundi. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR Arusha ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta. Atanga akarorero k’ivyerekeye ukwishira n’ukwizana mu gushikiriza ivyiyumviro, ubutungane kuri bose, uno musi bicumbagira kandi ari vyo Melchior Ndadaye yashira imbere.
V. Eka no mu vyerekeye ingene inzego zikora, Frédéric Bamvuginyumvira abona ko bitisunga demokrasi. Akanegurako umugambwe uri ku butegetsi wigungana vyose ntusangire n’iyindi migambwe.
VI. Umunyororo aserukira abandi, uwo bita Général, mw’ibohero rikuru rya Gitega aragirizwa ko ahohotera abandi bafungwa. Arabasaka akabatwara mu cumba c’ikosorero imbere yo kubakorera amabi atandukanye. Ivyo ngo biraba abarongoye iryo bohero ntihagire ico bakora.
VII. Umunyororo w’ubuzima bwose ni wo waraye uciriwe Nahayo Léonard batazira Muzayire na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Makamba mu rubanza rw’ikibiriraho. Muri urwo rubanza rwabaye ku muhingamo wo kuri uyu wa kane, sentare yafashe ingingo yo kurihisha indishi y’akababaro k’imiriyoni 20 Nahayo Léonard, atayirishe agapfungwa umunyororo w’agatsindikiro w’imyaka 120. Léonard Nahayo akaba yari yagandaguye umugore wiwe Minani Violette mw’ijoro ryo ku munsi wa mbere, amusanze i muhira aho avuka, kuko yari yarushe arata urugo kubera umubano mubi hagati y’uwo bubakanye. Ahejeje kumugandagura, akanakomeretsa bamwe mu muryango w’uwo mukenyezi, akaba yaciye ahungira mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya araheza afatirwa muri district ya kibondo ku munsi wa kabiri agarukanwa mu Burundi.
VIII. Imyidogo ni myinshi mu bavyeyi barereye kw’ishure ry’intango rya Kibezi ya kabiri, riri muri komine Mugamba mu ntara ya Bururi. Nk’uko umwe mu bavyeyi baharereye yaganiye na Radiyo Inzamba abivuga, umuyobozi w’iryo shure agomba kwihagira ubutunzi bw’iryo shure mu gusaba abavyeyi amafranga y’urutavanako, ata nsiguro y’ico agiye gukora atanga. Ivyo bigatera amakenga abatari bake baharereye, aho basaba abarongoye indero mu ntara no muri iyo komine gutorera inyishu ico kibazo.
IX. Bamwe mu barundi baba mu gihugu ca Sudani y’epfo bavuga ko bahohoterwa n’inzego z’ico gihugu zikoranye n’ubuserukizi bw’abarundi baba muri ico gihugu bita diaspora mu gifaransa. Abo barundi bari mu bandi bagera ku bihumbi bine bari aho muri Sudani y’epfo bajanwe no kurondera ubuzi bubayabaye. Amakuru dukura muri bamwe muri bo, avuga ko bahanzwe n’ikibazo gikomeye co kuba muri ico gihugu, bitumwe n’uko batswe impapuro zabo z’inzira bagishika ku kibuga c’indege c’i Juba. Uwuserukira abarundi aho muri soudani y’epfo we arabihakana, agasigura ko abo barundi bashimye guhebera impapuro zabo zibaranga ku kibuga c’indege kuko barihishwa amafranga menshi, ivyo batari biteguriye bakiva mu Burundi.
X. Bariyamiriza itangazo bahawe n’abajejwe ikambi mu gitondo co kuri uyu wa gatanu ryo kutazosubira kurima mu mirima yaho basanzwe baba. Abo ni bamwe mu mpunzi z’abarundi bari mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya, bakabona ko iyo ngingo yafashwe iri muri ya ntumbero yo kubahohotera no gushaka kubatahukana ku nguvu. Bagasaba ishirahamwe ryitaho impunzi HCR gutorera umuti ikibazo cabo.