Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/10/2022

Publié le 24 octobre 2022 par Rédaction
I. Abanyagihugu bo muri komine Mabayi y’intara ya Cibitoke baratabariza umuntu bavuga ko afise ubwenegihugu bwa Congo, arwariye ku bitaro bikuru vy’i Mabayi. Babivuze inyuma yaho ku musi wa gatanu uheze, abakozi b’iperereza bari baje kumusaba abarongoye ibitaro nabo baramwimana kuko yarakiri indembe. Batinya ko hamwe bogaruka bohava bamutwara.
II. Inyuma yaho Uburundi bufatiye ingingo yo kugurura imipaka hagati yabwo n’ibindi bihugu harimwo n’igihugu c’Urwanda, imodoka zitwara ingenzi n’ibidandazwa ntiziriremererwa kujabuka imbibe. Abanyagihugu bafata ingendo zija mu Burundi bose basabwa impapuro z’inzira, bakanarihishwa n’amafranga y’ibipimo vya Covid-19.
III. Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 24 Gitugutu, isi yose yaramutse ihimbaza umusi wahariwe kugwanya indwara y’ubukangwe. Kubw’umushikiranganji w’amagara y’abantu Dr Sylvie Nzeyimana, leta y’Uburundi iguma isuzuma ko umwana wese aronswa incanco zose zategekanijwe mu kumurinda indwara y’ubukangwe. Uwo musi ukazohimbazwa icese mu Burundi kw’igenekerezo rya 29 kuno kwezi, mu gisagara ca Bujumbura.
IV. Amagara meza nayo yo mu mutwe ni yo soko y’iterambere ku gihugu. Ivyo bishikirizwa n’umupfasoni w’umukuru w’igihugu Angéline Ndayishimiye. Ivyo akaba yabishikirije i Gitega mu nama yo guhimbaza umunsi wahariwe kurwanya indwara zo mu mutwe, ukazohimbazwa ku munsi wa kabiri mu ntara ya Ngozi. Asaba ko ibitaro vyose vyoronswa abaganga banonosoye kuvura indwara zo mu mutwe, kugira ubuzima bw’abarundi bumere neza.
V. Umugambi wo gushaka gutahukana abarundi bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya urabandanya. Umugwi ugira kabiri warungitswe mu Burundi kuri uyu wa mbere kuraba uko umutekano wifashe mu Burundi, kugira ngo batahukanwe. Abo barundi bakavuga ko bafise amakenga kuko umutekano mu Burundi utifashe neza nk’ukwo babivuga. Ikindi kibateye amakenga ngo n’uko umengo biraba abahungiye mu gihugu ca Tanzaniya gusa.
VI. Mu makuru y’inkino, mu mupira w’amaboko basketball, umugwi Urunani ni wo watahukanye igikombe citiriwe Intwari, wirahiye umugwi wa Dynamo, gutyo utahira imiliyoni 7 n’igice z’amafranga y’amarundi. Umugwi w’Urunani ukaba waraye ushitse mu gihugu ca Tanzaniya, aho ugiye mw’ihiganwa ryo gutora imigwi izoserukira kano karere mw’ihiganwa ku rwego rwa Afrika, Basketball Africa League. Mu mupira w’amaguru ihiganwa ku rwego rw’igihugu Primus League bageze mu ndwi igira 11. Umugwi wa Bumamuru wo mu Cibitoke ukaba ari wo uri mu kibanza ca mbere n’amanota 21.

Ibindi bisa n'ibi