I. Ubumwe bwa buraya bwafashe ingingo kuri uyu wa kabiri yo gukura ibihano vyari vyafatiwe abategetsi batatu mu gipolisi c’Uburundi kuva mu mwaka wa 2015. Abo bategetsi na bo ni umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca, Godefroid Bizimana, umutegetsi mu biro vy’umukuru w’igihugu hamwe na Léonard Ngendakumana, ari mu buhungiro uno munsi. Mathias Joseph Niyonzima batazira Kazungu, asanzwe akorera iperereza ry’Uburundi ni we asigaye arabwa n’ivyo bihano vy’ubumwe bwa buraya. Mu runani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique FORSC baranegura iyo ngingo yafashwe n’ubumwe bwa buraya. Vital Nshimirimana arongoye urwo runani, avugako icaha gikurikirana abo bantu bane bagirizwa guhonyanga agateka ka zina muntu muri 2015, kikiriho. Ahubwo ngo amatohoza ageze muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye.
II. Iyugururwa ry’imipaka y’Uburundi n’ibindi bihugu bibanyi harimwo n’Urwanda, ngo ryisunze inyungu z’abanyagihugu b’ibihugu vyose. Vyashikirijwe kuri uno wa kabiri n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu. Albert Shingiro amenyesha ko ikijanye n’inagurwa burundu ry’imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda, ngo kizokwisunga ikibazo c’abashatse gutembagaza ubutegetsi muri 2015 bakiri muri ico gihugu. Ico kibazo ngo kiriko kirigwa, umuti waco ukazotuma imigenderanire isubira kumera nka kera.
III. Haba mu Burundi canke kw’isi yose, umunyagihugu arafise uburenganzira bwo gufata urugendo ashaka ku mvo ziwe, ico nticari gikwiye kuba ikibazo c’igipolisi. Ivyo bishikirizwa na Jérémie Minani arongoye umugambwe RDB, inyuma yaho umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano Petero Nkurikiye amenyeshereje ko abarundi bariko baja muri Serbie kugira babandanye mu bindi bihugu vy’i Buraya, bariko baratukisha igihugu. Ngo bamwe muri bo bariko barasubizwa inyuma kandi bazoshika babibazwa.
IV. Abanyororo 2 bari bamaze imisi batotezwa n’umunyororo aserukira abandi yitwa Atibu Jahet mw’ibohero rya Gitega, baherutse kwungururizwa mu yandi mabohero. Uko kwungururizwa mu yandi mabohero bakavuga ko bishobora kubangamira imburano zabo, kuko abo basangiye ama dosiye basigaye mw’ibohero rya Gitega. Abanyororo b’i Gitega basaba umushikiranganji w’ubutungane guhagarika ibikorwa vy’uwo mu kapita wo mw’ibohero rya Gitega.
V. Amakenga ni menshi mu banywanyi b’umugambwe CNL ku musozi Kidahwe muri komine Bugenyuzi mu ntara ya Karusi. Ayo makenga afatiye ku majambo yashikirijwe na musitanteri w’iyo komine yagiriza abanywanyi 7 b’uwo mugambwe gutunga ibigwanisho kandi ko bari mu baheruka gutera muri komine Gihogazi, ahitwa mu Gatamba. Abandi banywanyi b’uwo mugambwe muri iyo komine batinya ko abo banywanyi babo bashobora gufatwa umwanya n’umwanya bazira kuba ari abanywanyi b’umugambwe CNL.