Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 26/10/2022

Publié le 26 octobre 2022 par Rédaction
I. Abanyagihugu bo mu gisagara ca Gitega, umugwa mukuru wa politike w’Uburundi, baratewe impungenge n’ibiziga bimaze imisi bitorwa aho mu misi idashika cumi hatowe ibiziga bine. Bamwe muri bo bakaba baramenyekanye. Ababa mu gisagara ca Gitega, basaba igipolisi n’ubutungane gukora amatohoza kugira hamenyekane inkomoko y’izo mpfu.
II. Ikurwaho ry’ibihano kuri bamwe mu barundi bagirizwa kuba barakoze amabi atandukanye n’uburyo bwo gushigikira ukudahana. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe IDHB. Carina Tertsakian, umushakashatsi muri iryo shirahamwe aragabisha umuryango w’ibihugu vya buraya ko ivyo bishobora gutuma n’ibindi bihugu bitubahiriza agateka ka zina muntu vyimonogoza. Akaba abishikirije inyuma yaho kuri uyu wa kabiri ari ho umuryango w’ibihugu vya buraya wamenyesha ko ukuye ibihano ku mushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca, Godefroid Bizimana na Léonard Ngendakumana bagirizwa kuba barakoze ivyaha vy’ubwicanyi no guhungabanya agateka ka zina muntu.
III. Irungikwa ry’abasirikare b’abarundi mu ndyane z’imigwi igwana muri Congo, birahagaritse umutima umuhari MAP Burundi Buhire. Mw’itangazo uwo muhari washize ahabona kuri uyu wa kabiri, ufatira ku mafranga akoreshwa muri izo ntambara mu gihe ibisata vyose vy’igihugu bihobahoba. Kubwa Libérât Ntibashirakandi avugira uwo muhari MAP Burundi, irungikwa ry’abo basirikare muri Congo hakoreshejwe amafranga y’umunyagihugu ntiryari rikwiye. Ahamagarira umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba ari we anarongoye umuryango wa Afrika y’Ubuseruko gushira imbere ibiganiro gusumvya intambara.
IV. Iyimurwa rya bamwe mu banyororo bo mw’ibohero rikuru rya Gitega rizotuma imanza zabo zidindira, kuko abo bari basanzwe basangiye ama dosiye batazoba bagifungiwe hamwe. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi arongoye igisata c’ubutungane mw’ishirahamwe ACAT-Burundi, rirwanya ihohotera rya kiremwa muntu. Ni mu gihe uwurongoye abandi bafungwa muri iryo bohero ari mu bo bita abakapita, abandanya guhohotera bagenzi we mbere agafata n’ingingo adafitiye ububasha, abifashijwemwo n’abarongoye iryo bohero.
V. Impunzi z’abarundi ziba mw’ikambi y’i Nyarugugusu mu gihugu ca Tanzaniya ziriyamiriza bamwe muri bagenzi babo bemera bagakorana n’ubutegetsi bwa Tanzaniya, bakajanwa i Burundi kuraba ingene umutekano wifashe hanyuma bakagaruka kubwira abandi ingene babisanze. Bavuga ko ari ugehemukira bagenzi babo. Ni mu gihe urugendo rwa kabiri rw’impunzi z’abarundi rwari rutegekanijwe kuba ku wa 21 uku kwezi nyene rwahavuye rushirwa ku yindi taliki itaramenyekana. Izo ngendo babona ko ata kindi zigamije atari gushaka kubatahana ku nguvu.
VI. Imyidogo ni yose mu bakozi b’ishirahamwe ASEC rijejwe gucungera abantu n’ibintu. Abo bakozi bavuga ko bamaze amezi atatu bataronswa agashahara kabo. Ikindi kibabaje ngo n’ukwo hariho abahembwa ku gihe, abandi bakarorerezwa kandi bose bafise umukoresha umwe. Basaba urwego rw’umukuru w’igihugu gukurikirana ingene amashirahamwe bene ayo harimwo ASEC, akora.
VII. Ingendo ziriko zirakorwa n’umukuru w’igihugu aho yishikira kwirabira ahariko hararangurirwa ibikorwa bitandukanye vya leta, zirashimisha ishirahamwe PARCEM, ryiyemeje gukangurira abarundi guhindura ingendo. Ariko iryo shirahamwe ribona ko ivyo vyonyene bitikwiye kugira umuti urama uboneke. Mu mwihwezo wiwe, Faustin Ndikumana arongoye PARCEM, amenyeshako hakwiye gushirwaho intumbero yubakiye kw’ikurikiranwa ry’ingene imigambi ya leta iriko irarangurwa n’ugusuzuma ukw’iyo migambi yagenze.
VIII. Abanyagihugu baba ku mugwa mukuru wa komine Gasorwe mu ntara ya Muyinga, barashimishwa n’uko basubiye kuronka umuyagankuba utangwa n’ishirahamwe rya leta REGIDESO risanzwe ritanga rikanadandaza amatara n’amazi mu bisagara, nk’ukwo abanyamyuga bamwe barangurira imirimo yabo aho ku mugwa mukuru w’iyo komine babimenyesha. Abo banyamyuga bakemeza ko kuva basubiye kuronka umuyagankuba bikenura ukuri kwamye, ngo na yo imiryango yabo ikaba ihatorera akajisho, inyuma yo kumara amezi atatu yose uwo muyagankuba utaboneka, kubera icuma cawusaranganya mu banywanyi b’ishirahamwe REGIDESO bari aho ku mugwa wa komine Gasorwe cari capfuye.

Ibindi bisa n'ibi