I. Inkoho zibiri zo mu bwoko bwa Kalachnikov, chargeri umunani n’imbugita (couteau à baïonnette mu gifaransa), ni vyo bigwanisho vyatowe mw’isakwa ryakozwe n’igipolisi mu bucagucagu bwo kuri uno wa gatandatu ku musozi wa Munyinya uri muri komine ya Bugenyuzi mu ntara ya Karusi. Abantu batatu bagirizwa gutunga ivyo bigwanisho bakaba baciye baja gufungirwa mu gasho ka komisariya y’igipolisi muri iyo ntara ya Karusi. Abanyagihugu bo kuri uwo mutumba bakaba bibazako hari abantu bashobora kudodoberezwa kuko bibaza ko ico gikorwa kijanye n’imvo za politike.
II. Umugabo w’imyaka 30 azwi kw’izina rya Jonas Ndayishimiye wo ku musozi Kimerejana muri komine Ruhororo intara ya Ngozi, kuva kuri uyu wa gatanu apfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi yo mu gisagara ca Ngozi. Imvo z’ifatwa ry’uwo mugabo zikaba ari ukugira abazwe ku bijanye n’urupfu rw’umukenyezi wiwe yari azwi kw’izina rya Ntahomvukiye Claudine, aherutse kwitaba Imana mu buryo buteye amakenga. Abajejwe intwaro muri iyo komine bakamenyesha ko nyakwigendera umusi yitaba Imana yari yajanywe kwa muganga asigaye ari ikiruruma, kandi atakivuga. Kwa muganga ngo bikaba vyaragaragaye ko yari yakubiswe bikomeye. Uwo mugabo rero aho apfungiwe ariko akorwako amatohoza kugira haboneke umuco ku rupfu rw’uwo bari bubakanye. Mukamenya ko hari haciye amezi atarenga abiri, muri iyo komine nyene ya Ruhororo, hari abagabo babiri bishwe n’abagore babo mu kiringo kitarenze indwi zibiri.
III. Sentare nkuru ya Mukaza yararengukije umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye kw’igenekerezo rya 03 gitugutu uno mwaka. Ni mu gihe uwo mumenyeshamakuru yaramaze iminsi ine yimuriwe mw’ibohero rikuru rya Muyinga, kuva kw’igenekerezo rya mirongo ibiri n’icenda Nyakanga uwu mwaka nyene. Iyo sentare ikamwagiriza kuba atashoboye kwitaba muri Sentare. Ivyo umushingwamanza Janvier Bigirimana avuga ko ari akamaramaza mu butungane kubona sentare nkuru y’igihugu ya Mukaza batamenya aho umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye afungiwe. Ku bwiwe, ngo n’ikimenyetso cerekana ko ubucamanza bubandanya gukoreshwa muri politike. Agasaba nyabuna ko Floriane yorekurwa atakirinze gusabwa, kuko ahorwa ivyiyumviro vyiwe. Mukamenya ko abashingwamanza bamuburanira basaba ko yofungirwa i Bujumbura hafi ya sentare aburaniramwo.
IV. Abasirikare b’Uburundi bari mu gihugu ca Somaliya mu rwego rw’ubumwe bwa Afrika ATMIS, basaba kuronswa agahembo kabo baheraniwe k’amezi arenga 10. Abo mu ma bataillons ya 62, 63, 64 bitegekanijwe ko bazotangura kugomborwa mu kwezi kwa Munyonyo, bavuga ko batazi n’ingene bazoshika kuramutsa imiryango yabo.
V. Umunywanyi w’umugambwe CNDD-FDD arafunzwe kuva kuri uyu wa mbere mw’ibohero rya Rutana. Nestor batazira Butisi yafashwe inyuma yo gufatanwa umwavu, n’ukwo kandi akora inzoga zitemewe n’amategeko. Abanyagihugu bo mu ntara ya Rutana barafise amakenga ko na we nyene atazokwirikiranwa nk’ukwo vyagenze ku wujejwe uburimyi muri komine yo muri iyo ntara, na we nyene umunywanyi w’umugambwe CNDD-FDD yafatanywe amatone y’ifumbire.
VI. Kuva ku musi wa kane, nta kinyobwa gikozwe muri tangawizi cemewe mu Burundi. Itegeko ryatanzwe n’umushikiranganji wa mbere, Gervais Ndirakobuca. Abanyagihugu bamwe bakaba bakiriye neza iyo ngingo, nk’abahora banywa ivyo binyobwa i Ngozi. Ariko ababidandaza na bo bakavuga ko bazogira igihombo gikomeye.
VII. Ikigabane Kw’isoko c’uno munsi, kiza gushimikira ku majambo aherutse gushikirizwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, agabisha abarundi bazokwirukanwa mu bihugu vya buraya. Aho ni inyuma yaho hafatiwe ingingo ibuza abarundi kwinjira mu gihugu ca Serbie hakoreshejwe urupapuro rw’inzira rusanzwe.