Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 02/11/2022

Publié le 2 novembre 2022 par Rédaction
I. Hari umuntu aturuka ku mutumba wa Mugozi muri zone na komine Bururi kuri uno wa 31 gitugutu igihe c’isaha zibiri z’ijoro yatemaguwe n’abantu bataramenyekana. Uyo muntu yahavuye ajanwa kwa muganga ku bitaro i Bururi mu nyuma yungururizwa i Bujumbura aho yacikaniriye kw’igenekerezo rya 1 za kuno kwezi. Ivyo bikaba bibaye inyuma y’uwundi yaheruka gupfa muri bene ubwo buryo nyene, atemaguwe muri komine ya Bururi nyene abandi na bo baratemagurwa ariko Imana irakinga.
II. Abantu 13 barapfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi mu ntara ya Kayanza kuva ku musi w’Imana uheze. Bose bava muri zone Rwegura muri komine Muruta mu ntara ya Kayanza, bakaba bagirizwa urupfu rw’umugabo aheruka gutorwa ikiziga ku musozi Rwegura mu mpera z’indwi iheze. Abo bafashwe, ubutungane bukaba buriko burabagirako amatohoza.
III. Abantu 15 barishwe, 6 barahagarikwa bidakurikije amategeko, 8 na bo barasinzikarijwe ubuzima. Biri mu cegeranyo c’ishiramwe ACAT-Burundi gisohoka uko ukwezi guheze. Augustin Nimubona, ajejwe igisata co kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, adoma urutoke kuri bamwe mu nzego z’igihugu kuba bari inyuma y’ubwo bwicanyi. Agasaba leta y’Uburundi gucungera umutekano no gukora amatohoza, ikamenya aboba bakoze ayo mabi.
IV. Ingingo yafashwe n’ubushikiranganji bw’indero yo kutarungika ibibazo vya leta ku banyeshure baba mu ma kambi y’impunzi yo mu gihugu ca Tanzaniya, ngo ni ingingo idafashe na gatoyi kuko ishingiye ku binyoma. N’intumbero ya leta yo gushaka kwerekana ko umutekano uriho mu gihugu. Ivyo bivugwa na Ferederiko Bamvuginyumvira arongoye urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na leta CFOR-Arusha. Akabivuga afatiye ku majambo y’umushikiranganji w’indero François Havyarimana, asaba ahubwo impunzi gutahuka kuko umutekano wifashe neza mu gihugu. Ferederiko Bamvuginyumvira abonako iyo ari imvugo ihisha ukuri kw’ibiriko biraba mu Burundi. Atanga akarorero k’abantu isinzi bariko barahunga igihugu, baja gusaba ubuhungiro mu bihugu vya buraya n’ahandi.
V. Uburundi ni co gihugu ku mugabane w’Afrika gifise abamenyeshamakuru benshi bomowe bahunga ikibi bariko bakorerwa na leta. Hakaba n’uwishwe hamwe n’umuryango wiwe wose, be n’uwundi yanyurujwe, abo bose akaba ata butungane buragira ico bukoze kugira buhane abakoze ayo mabi. Ivyo binegurwa na Innocent Muhozi, arongoye ikigo OPB gicungera uko ibinyamakuru bikora. Akaba abishikirije kuri uyu wa 2 Munyonyo, umusi wahariwe kurwanya ukudahana amabi akorerwa abamenyeshamakuru.
VI. Igipolisi ca Tanzaniya gikoranye n’abo bita abasungusungu babomoye bongera barasahura utuboutike impunzi zashize impande y’amazu babamwo. Ivyo bikaba vyabaye ku mutaga wo kuri uyu wa gatatu, mw’ikambi ya Nduta muri zone y’indwi, aho igipolisi cateye n’ivyuka bikoroza amosozi muri izo mpunzi. Impunzi z’abarundi bari mu gihugu ca Tanzaniya basaba kuronswa umutekano, atari uko naho babajane ahandi boshobora kuronka agahengwe.
VII. Igisata c’uburimyi ntikiratora umuti w’ibibazo, naho umukuru w’igihugu yakigize umwitwarariko muri uno mwaka wa 2022. Uko niko bisigurwa n’umugambwe CNL mw’itangazo wasohoye kuri uno wa gatatu. Thérence Manirambona avugira uwo mugambwe, avuga ko bitumvikana ingene leta yobandanya iha isoko société imwe rudende FOMI yo kubandanya idadanza umwavu wayo ku barimyi bose bo mu gihugu, mu gihe iryo shirahamwe rimaze kugaragaza ko ata bushobozi bukwiye rifise.

Ibindi bisa n'ibi