Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/11/2022

Publié le 3 novembre 2022 par Rédaction
I. Inama idasanzwe y’abakuru b’ibihugu b’akarere ka Afrika y’ubuseruko irategekanijwe mu misi ya vuba, kugira higwe inzira zotuma haboneka amahoro ku ngwano ziriko zirabera mu buseruko bw’igihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi. Ivyo biri mw’itangazo ryashizwe ahabona ku musi wa kabiri n’ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi, akaba ariwe arongoye muri kino gihe umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko.
II. Ivyigwa duhabwa kw’ishure ngo ntaco bimariye Uburundi. Ukwo niko vyashikirijwe na Révérien Ndikuriyo arongoye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD hari ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere, mu birori vyo gusozera inyigisho zari zimaze amezi 6 zihabwa urwaruka ruhurikiye muri Eagle Security Services.
III. Ku bw’umwigisha wa kaminuza Libérat Ntibashirakandi asanzwe akurikiranira hafi ivyigisata c’indero mu Burundi, ati birateye isoni kubona umutegetsi ashobora kubwira abo arongoye ko kwiga ataco bimaze. Libérat Ntibashirakandi akabifata nko gusuka abo urongoye. Agasaba urwaruka kwima amatwi abantu nk’abo, avuga ko ata kindi bagamije atari kubakoresha kubera inyungu ziwe bwite.
IV. Abadandaza babiri binjijwe ibohero rikuru rya Muyinga mu gatondo ko kuri uyu wa kane. Abo badandaza bagiriwe n’icaha co gushora umwimbu w’ibiharage hanze y’igihugu c’Uburundi, bakaba bari babishoye mu gihugu ca Tanzaniya. Abo badandaza basanzeyo uwundi agira gatatu, inyuma yo gucirirwa urubanza na sentare nkuru ya Muyinga. Baciriwe umunyororo w’umwaka, n’ihadabu y’ibihumbi 300 mu mafranga y’amarundi.
V. Sentare nkuru ya Rutana yaciriye igihano co gupfungwa umwaka, n’ihadabu ry’imiliyoni zibiri zirenga z’amafranga y’amarundi uwitwa Nestor Nibigira, batazira Butisi. Yari yafashwe ku musi wa mbere itariki 24 Gitugutu, yanyegeje ifumbire n’inzoga zitemewe n’amategeko.
VI. Kuri uno wa kane mu gitondo, ubuzi bwose bwari bwahagaze ku murwa mukuru wa komine Gisuru, ni mu ntara ya Ruyigi. Ivyo bikaba vyaturutse ku rugendo rw’umuhuza w’abarundi yari yagize muri iyo komine.
VII. Umuntu wese ari mw’ikambi y’impunzi yategerezwa gukora ico cose arekuriwe n’amategeko kimufasha kwiteza imbere, nk’ukwo amasezerano agenga impunzi kw’isi abitegekanya. Bishikirizwa n’urunani CBDH-VICAR rwitaho agateka k’impunzi muri kano karere. Ni inyuma yaho ama boutique yo mw’ikambi ya Nduta irimwo impunzi z’abarundi mu gihugu ca Tanzaniya asenyuwe n’abajejwe umutekano, barikumwe n’abasungusungu kuri uyu wa gatatu. Kubwa Léopold Sharangabo arongoye CBDH-VICAR, birababaje kubona ivyo bintu biba leta ya Tanzaniya n’amakungu barorera.
VIII. Amakenga ni menshi mw’ikambi ya Nakivale iri mu gihugu ca Ouganda. Ni mu gihe ikiza c’umugera wa Ebola kimaze kwibonekeza muri ico gihugu, na cane cane mu turere twegereye iyo kambi. Umwe muri izo mpunzi z’abarundi yaganiriye na radiyo Inzamba asaba ko abarongoye  ikambi ya Nakivale bohimiriza impunzi kwirinda ico kiza mu gukurikiza amabwirizwa atangwa n’abajejwe ubuvuzi.
IX. Mu makuru yacu y’ejo twashikirije ko umunyagihugu yitwa Médard yahohotewe gushika n’aho acikana, amakuru twahavuye turonka mu nyuma dukura mu bamuri hafi, amenyesha ko uwo munyagihugu wo muri komine ya Bururi asinzikaye cane, kuva aho akomerekejwe n’umupanga n’umuntu ataramenyekana gushika ubu. Ivyo bikaba vyabaye mw’ijoro ryo ku wa 31 Gitugutu, n’ukuvuga buca ari ku musi wa mbere w’ino ndwi.

Ibindi bisa n'ibi