I. Imyidogo ni myinshi mu basirikare bakorera muri brigade logistique yahoze yitwa Base des forces armées. Imvo n’uko bamaze imisi ibiri bapakurura imiceri yinjizwa mu bubiko, kandi bakuwe mu kandi kazi. Basigura ko ivyo gupakurura imiceri yinjizwa mu bubiko bikorwa n’abakozi bahembwa n’abatsindiye isoko, ko bidakorwa n’abasirikare. Bavugako amafranga yahora ahembwa abo bakozi, yoba yahawe umukuru w’iyo kambi kugira ace akoresha abasirikare.
II. Ibiro 66 n’inusu vy’ubutare bwo mu bwoko bwa Coltan vyaraye bifatiwe mw’ijoro kuri uwu w’Imana buca ari kuri uwu wa mbere, ku musozi Ryamukona muri komine Kabarore y’intara ya Kayanza. Inkuru zitangwa n’abajejwe intwaro aho i Kabarore, zimenyesha ko ubwo butare bwari bushowe mu kinyegero mu mahanga. Uwari abupakiye kw’ipikipiki yarashoboye kuyanyaga, ariko uwari abupakije yarafashwe ubu akaba apfungiwe mu gasho k’igipolisi aho nyene i Kabarore, aho ariko agirirwa dosiye hanyuma ashengezwe imbere y’ubutungane. Tubamenyeshe ko muri iyo komine nyene hadahengeshanya gufatwa abantu bagira urudandaza rwa magendo aha nini rugizwe n’ubutare, ikawa n’ibifungurwa, mu gihe baba bariko bagerageza kubishora mu mahanga.
III. Iminsi 69 irarumanye umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye afashwe, uyu musi akaba afungiwe mw’ibohero rya Muyinga. Yafashwe n’abakozi b’iperereza kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro uno mwaka, yagirizwa kuvogera imbibe z’igihugu. Kubwa Jeanine Nahigombeye umukenyezi yahoze ari n’umumenyeshamakuru, amenyesha ko iryo pfungwa rya Floriane ryerekana aho ubutungane bw’i Burundi bugeze mu gufunga umuntu ahowe ivyiyumviro vyiwe.
IV. Ugusoma ibitabo n’isoko ry’ubumenyi n’ubwenge, ariko rero mu Burundi ugusoma ibitabo bikaba bitagihurumbirwa cane. Bishikirizwa na Antoine Kaburahe, umwe mu banditsi b’abarundi, akaba abishikirije kuri uyu musi usanzwe uhariwe abanditsi b’abanyafrika. Uyo mwanditsi w’umurundi asaba ko politike y’igihugu yohimiriza urwaruka gusoma ibitabo, kugira bashobore no kuvyandika.
V. Uruhara rw’abavyeyi narwo ngo ni ntangere, Kaburahe ahamagarira abavyeyi kureresha umwete abana babo wo gusoma ibitabo. Umunsi wahariwe umwanditsi w’umunyafrika ukaba washizweho n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu mwaka wa 1992, uyo musi ukaba ufatwa nk’umusi ukomeye werekana uruhara rw’abanditsi b’abanyafrika, mu gufasha guteza imbere indimi z’abanyafrika.
VI. Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayismiye kuva kuri uyu w’Imana ari i Charm el-Cheikh mu gihugu ca Misiri mu nama y’ishiramwe mpuzamakungu ya ONU igira 27, ijanye n’ihindagurika ry’ibihe. Iyo nama izomara imisi 12 yerekeye kurabira hamwe ivyokorwa kugira ngo ihindagurika ry’ibihe ribica bigacika hirya no hino kw’isi rigabanuka.
VII. Mu makuru y’inkino, mu mupira w’amaboko Basketball, hariko haba ihiganwa ryatunganijwe n’ibanki CRDB. Ni mu gihe umugwi w’Urunani ubandanya imyiteguro yo kuzoja mu nkino zo kurondera ikibanza co gukina ihiganwa ku rwego rwa Afrika. Mu mupira w’amaguru naho, umugwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20 waraye utakaje icizere co kwitaba inkino za Afrika zizobera mu gihugu ca Misiri. Ukaba watsinzwe n’igihugu ca Sudani.