I. Ingabo z’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko ziriko ziritegura kuja gufasha igisirikare ca Congo, kurwanya imigwi ihungabanya umutekano mu gice c’ubuseruko bwa Congo. Ivyo vyaraye bishikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, igihe yari atahutse avuye mu gihugu ca Egypte mu nama mpuzamakungu bise COP27, ku bijanye n’ihindagurika ry’ikirere, hari ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu. Akaba yamenyesheje ko ku wa 16 Munyonyo, nk’uwutwara akarere ka Afrika y’ubuseruko, azoba ari i Nairobi kugira atanguze ibiganiro bizoba hagati y’iyo migwi, na leta ya Congo. Muri iyo migwi ivugwa, twobibutsa ko harimwo umuhari M23 umaze igihe ufata uduce tumwe tumwe two muri ico gice ca Congo y’ubuseruko, harimwo uduce twa Rutshuru na Bunagana.
II. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryoba ryarankiye lieutenant-colonel Jean Pierre Mbonyiyeze kugenda arongoye i bataillon igira umunani ya MINUSCA mu nteko z’Uburundi. Bimwe mu vyo yagirizwa harimwo uguhonyanga agateka ka zina muntu. Lieutenant-colonel Mbonyiyeze akaba atabaye umurundi wa mbere yankiwe kuja mu bikorwa vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
III. Ikiza ca Cholera kiribonekeza mu duce tumwe tumwe two mw’ikambi y’impunzi z’abarundi y’i Mulongwe muri Republika iharanira demokrasi ya Congo. Ishirahamwe ryitaho imbabare Croix rouge rikaba ryatanze ibikoresho vyo kwirinda ico kiza gifatiye kw’isuku rike.
IV. Ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR ryategerezwa gukora ivyo rijejwe ryisunze itegeko ryo mu mwaka wa 1951 rigenga impunzi. Bishikirizwa na Frederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, inyuma yaho impunzi zitatu z’abarundi zikubiswe zigakomeretswa kuri uyu wa mbere, n’impunzi nkazo zituruka mu gihugu ca Sudani y’epfo, mw’ikambi y’impunzi ya Kakuma muri Kenya. Frederiko Bamvuginyumvira asaba ishirahamwe HCR kugira aho rihagaze, rireke kwirengagiza ibibazo impunzi z’abarundi zirimwo.