Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/11/2022

Publié le 11 novembre 2022 par Rédaction
I. Uwurongoye iperereza mu ntara ya Muyinga aradomwako urutoke kuba yarahonyanze agateka k’abakenyezi bapfungiwe mw’ibohero rya Muyinga, harimwo umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye. Mu gikorwa co gusaka muri iryo bohero cabaye ku musi wa gatandatu uheze, Commissaire Félix Havyarimana yagirizwa kuba yatanze itegeko ryatumye abo bakenyezi bahohoterwa n’abapolisi b’abagabo, mu gihe abapolisi b’abakenyezi nka bo ari bo barekuriwe n’amategeko gusaka mu busho bw’abakenyezi.
II. Iyo nyifato y’uwo arongoye iperereza i Muyinga iraterwa ivyatsi n’abaharanira agateka ka zina muntu. Urunani FORSC rubona ko uwo Félix Havyarimana yokurikiranwa kuri ayo mabi. Ernest Nkurunziza, umunyamabanga nshingwabikorwa w’urwo runani, aributsa ko Floriane ahorwa umwuga wiwe wo kumenyesha amakuru.
III. Ernest Nkurunziza, umunyamabanga nshingwabikorwa w’urunani FORSC rudaharanira ivyicaro vya politike, arongera akavuga ko bamenye ko n’abandi bakenyezi bapfungiwe muri iryo bohero ry’i Muyinga na bo nyene bakubaguwe. Agasaba ko abanyororo bofatwa nk’abandi bantu mu kwubahiriza uburenganzira bwabo.
IV. Umugabo w’imyaka 34 wo ku mutumba Ruhororo, komine Kabarore n’intara ya Kayanza, yatowe ikiziga kuri uwu wa gatanu amanitse kw’ivoka riri mw’itongo iwe. Yaba umuryango wiwe canke ababanyi, ntibategera icoba catumye uwo muntu yiyaka ubuzima. Mu ntwaro aho i Kabarore bakavuga ko amatohoza yatanguye kugira imvo z’urupfu rw’uwo mugabo zimenyekane.
V. Amafaranga yababa imiriyaridi ijana y’amarundi ni yo azokoreshwa mu gusanura ikivuko ca Bujumbura, mu kiringo c’amezi mirongo ibiri n’ane (24). Aho ni kuva mu kwezi kwa mbere kw’umwaka ugiye gutangura. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umushikiranganji Marie Chantal Nijimbere ajejwe ubudandaji, ukwiyunguruza n’amahinguriro mu Burundi. Amenyesha ko uwo mugambi wo gusanura ico kivuko, uzofasha mu kugwiza umwimbu, mu kwunguruza abantu n’ibintu mu mwanya muto, mu guhanahana ibidandazwa n’ibindi bihugu bitagoranye. Umushikiranganji Marie Chantal Nijimbere arongera agasaba ishirahamwe ryatsindiye isoko ryo gusanura ico kivuko, gutanga inyubako ikwije amategeko mu bwubatsi bw’ibivuko bwa none.

Ibindi bisa n'ibi