Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/11/2022

Publié le 14 novembre 2022 par Rédaction
I. Hari abagabo batanu bo ku mutumba Rukere, komine Kabarore bapfungiwe kuva kuri uwu w’Imana mu gasho k’inyamiramabi muri komine ya Kabarore n’intara ya Kayanza. Bakaba bafashwe kugira bakorweko amatohoza ku bijanye n’urupfu rw’umukenyezi w’imyaka 37 wo ku Musozi Rukere, yatowe ikiziga mu gaturuturu ko kuri uwu w’Imana ku musozi Rorero yavukiyeko. Uwo na we akaba yagandaguwe mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu buca ari kuri uwu w’Imana, aho mu bikekwako urwo rupfu harimwo n’uwo bari bubakanye.
II. Abasirikare bamaze gufatwa bagirizwa ubunyonyezi bw’amafaranga y’igisirikare mu gisata kijejwe gutunganya ubutunzi n’imishahara, ubu bageze kw’ijana na mirongo ibiri. Bamwe mu bapfunzwe bahoze bakora muri ico gisata baranse kwishura ibibazo vya Sentare ya gisirikare. Basaba ko hobanza kurengutswa abahoze barongoye ibiro bikuru vya gisirikare bakiriho n’abatwara igisirikare uyu munsi.
III. Ipfungwa rya Floriane Irangabiye n’ikimenyetso gikomeye ubutegetsi bw’Uburundi bwahaye abifuza ko hasubira kubaho ubwigenge bwo gushikiriza iciyumviro muri rusangi, n’ubwigenge bw’ibimenyeshamakuru. Uko niko ishirahamwe CPJ rijejwe gukingira abamenyeshamakuru ribivuga, inyuma y’amezi arenga abiri umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye afashwe agafungwa, yagirizwa ivyaha atakoze. CPJ rikaba rihamagarira leta y’Uburundi gukingira agateka k’umumenyeshamakuru Irangabiye. CPJ ikaba yashikirije aho ihagaze mu gihe mu ndwi iheze, uyo mumenyeshamakuru apfungiwe i Muyinga aterewe ubwoba n’uwutwara iperereza muri iyo ntara Félix Havyarimana, ko ashobora kumwaka uburenganzira bwose afise mbere no kumugirira nabi. Tom Gibson, aserukira ishirahamwe CPJ imbere y’inzego z’umuryango wa buraya.
IV. Iduga ry’ibiciro vy’ibifungurwa rirateye umutima uhagaze abaguzi bo mu ntara ya Muyinga. Bamwe muri bo baganiriye na Radiyo Inzamba bakamenyesha ko igiciro c’ibifungurwa  bimwe bimwe ciyongereyeko amahera ari hagati y’igihumbi (1000) n’ibihumbi bibiri (2.000) vy’amahera y’amarundi muri ano mezi atatu aheze. Bakanavuga ko imiryango igifungura ibikwiye kandi vya nkenerwa isigaye ari imparurwa.
V. Imyidogo ni myinshi mu bafise ivyuma vyunguruza abantu mu gisagara ca Rumonge. Ni mu gihe hari ama station yiba mu gutanga ibitoro. Amakuru dukura muri iyo ntara amenyesha ko bamwe mu bagendesha ivyo vyuma vyo kwiyunguruza, baca bafata ingingo yo kunyweshereza ku ma station yo mu zindi ntara, kugutinya ko bibwa. Bakamenyesha ko ivyo bigira ingaruka mbi ku bikorwa vya misi yose.
VI. Ku wa 14 Munyonyo, amakungu arahimbaza umunsi wahariwe kurwanya indwara y’igisukari. Mu Burundi, abantu barenga ibihumbi 200 bagendana indwara y’igisukari ku bw’urunani mpuzamakungu rw’abagendana indwara y’igisukari. Mw’ikete urwo runani rwarungikiye umushikiranganji w’amagara y’abantu, rumusaba kuronsa inyigisho zikwiye abakora mu gisata co kuvura co kimwe n’abagendana iyo ndwara, kugira ibitigiri vy’abo ihitana bigabanuke, maze n’amagara y’abayigendana yisununure. Jérôme Kazabukeye, ni umunywanyi wa Blue Circle Voice, isekeza ry’urunani mpuzamakungu rw’abagendana indwara y’igisukari.
VII. Mu makuru y’inkino, mu mupira w’amaboko Basketball, Umugwi w’Urunani waraye utahukanye igikombe c’ihiganwa ryatunganijwe n’ibanki CRDB. Mu bigeme naho, umugwi Les Gazelles ni wo wagitahukanye. Mu mupira w’amaguru, ihiganwa ku rwego rw’igihugu Primus League rigeze ku ndwi igira 12, gushika ubu Bumamuru yo mu Cibitoke ikaba ari yo iri mu kibanza ca mbere.

Ibindi bisa n'ibi