Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 18/11/2022

Publié le 18 novembre 2022 par Rédaction
I. Umugabo azwi kw’izina rya Claver Nsengiyumva yahora akora akazi k’ubuzamu kuri cathédrale y’ishengero katolika mu gisagara ca Ngozi, yaraye yishwe anizwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane buca ari ku wa gatanu, n’abantu kugeza ico gitondo batari bwamenyekane. Abo na bo bari baje kwiba bimwe mu bicurarangisho vyo mw’isengero. Ariko mu gihe c’umuhingamo abo bagizi ba nabi bakaba bahavuye bafatirwa mu gisagara ca Kayanza.
II. Amakenga ni menshi ku banyagihugu bo ku mutumba Ruvumera uri muri komine Nyanza-lac, mu ntara ya Makamba. Ni mu gihe uwurongoye umutumba Ruvemera muri komine Nyanza-lac amaze indwi zibiri apfunzwe. Nk’ukwo amakuru dukura kuri uwo mutumba abivuga, Ndirikirenza Onésime yafashwe kw’itegeko ry’uwurongoye parquet ikukira Sentare isubiramwo imanza ya Makamba, afadikanije na musitanteri wa komine Nyanza-lac. Akaba yagirizwa kuba yaratanze itegeko ryo gukanya ibigazi vyari vyarasoromwe mw’itongo ririmwo amatati. Ivyo abanyagihugu bakaba bavyiyamiriza, kuko ivyo bigazi vyariko birononekara. Abo banyagihugu bagasaba abarongoye iyo ntara na cane cane Buramatari guhagurukira ico kibazo c’amatati y’amatongo, n’ugutuza abarya ibiturire.
III. Imiliyoni 500 z’amarundi ni wo mutahe usabwa n’ibanki nkuru y’igihugu BRB co kimwe n’imiliyoni 50 y‘ingwati ku bantu bose bashaka gutangura akazi ko kuvunja amafranga yo hanze, mu Burundi. Mu mubonano yagiranye n’abo basanzwe bavunja amafaranga kuri uyu wa gatanu, uwaserukiye ibanki nkuru y’igihugu yabahamagariye kuja hamwe kugira bashobore gukwiza uwo mutahe. Ferdinand Nsabimana ajejwe ishirwamungiro ry’ibikorwa muri iyo banki.
IV. Aimée Laurentine Kanyana yigenza nk’umukozi w’umugambwe CNDD-FDD gusumvya uko yokorera igihugu ka muhuza w’abarundi. Ivyo bigaragarira ku kungene yagiye arigenza mu mabanga akomeye na cane cane mu gisata c’ubutungane. Uyo muhuza mushasha yaraye atowe nta mwizero atanga ku batavuga rumwe n’ubutegetsi, co kimwe n’uwo agiye gusubirira.
V. Kuri iryo torwa ry’umuhuza mushasha, nta muhuza n’umwe w’abarundi azokwigera arangura akazi kiwe neza mu gihe cose azoba yagenywe akongera agashirwaho n’umugambwe uri ku butegetsi kandi asanzwe aturukamwo. Ivyo bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-Arusha, ruhurikiyemwo imwe mu migambwe itavuga rumwe na leta. Asigura ko urwego rw’umuhuza ari urwego rwashizweho kugira rwuzurize abanyagihugu bafitaniye ingorane na leta, mu ntumbero yo gutsimbataza demokrasi mu Burundi. Akabona ko uno musi inkingi za demokrasi zanigiwe mu menshi n’intwaro y’umugambwe CNDD-FDD wigaruriye ubutegetsi bwose.
VI. Umuhari INAMAHORO w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi wo urashima itorwa ry’umukenyezi ngo arongore urwego rw’umuhuza w’abarundi. Kubwa Marie Louise Baricako arongoye uwo muhari, ngo yiteze ku muhuza mushasha ibikorwa bijanye n’ukunywanisha abarundi, hamwe n’ugushira imbere ubuntu kugira Uburundi busubirane iteka. Ariko rero akabona ko bitazomworohera kubera intumbero y’ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwo kwifatira ibintu vyose mu kwaha.
VII. Uyo muhuza yaraye atowe asabwa kwitaho ineza y’abanyororo n’imiryango yabo  no gukurikiranira hafi ibibazo vy’abo bose baza bamwitura, kubera imanza zabo zadindiriye mu ma sentare na za parquet zitandukanye. Ivyo n’ivyashikirijwe kuri uno wa gatanu na Jean Marie Nshimirimana arongoye ishirahamwe NTABARIZA, ryitaho agateka k’abapfungwa, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Asaba umuhuza mushasha kuzoheza ikiringo ciwe hari ibintu bigaragara ko yaranguriye abamwituye.

Ibindi bisa n'ibi