I. Ukwinubana hagati ya leta n’ibimenyeshamakuru kwazananywe na bimwe bimwe muri vyo vyataye umurongo mu kugwanira ubutegetsi. Ivyo bivugwa na Prosper Bazombanza, icegera c’umukuru w’igihugu. Hari kuri uyu wa kane aho yariko yugurura ibikorwa vy’inama rukokoma yo kumenyesha amakuru.
II. Kubwa Innocent Muhozi, arongoye ikigo OPB gicungera uko ibimenyeshamakuru bikora, leta irazi neza ko abamenyeshamakuru bamye bakora bubahiriza amategeko. Atanga n’uturorero dutandukanye twerekana ingene leta ahubwo ari yo idahengeshanya gutoteza abamenyeshamakuru.
III. Igipolisi co mu ntara ya Rumonge cazindutse gihagarika abadandaza ibirato babitembereza mu gisagara ca Rumonge, bitwa aba Maasaï. Abo baturuka mu gihugu ca Tanzaniya bikekwa ko bashobora guhungabanya umutekano nk’ukwo amakuru dukura mu gipolisi abimenyesha.
IV. Imyidogo ni yose mu badandaza bakorera mu masoko amwe amwe ari mu ma karitiye yo mu gisagara ca Rumonge. Ayo masoko nta tuzu twa surwumwe afise. Abakorera muri ayo masoko, bakaba bafise ubwoba ko bashobora kwandura indwara zifatiye kw’isuku rike. Basaba ababijejwe gutorera umuti ico kibazo.
V. Ibiciro vyo kwiyunguruza bibandanya kuduga mu ntara ya Makamba. Amakuru radiyo Inzamba agateka kawe ikura muri iyo ntara, amenyesha ko ivyo biciro vyaduze kubera ubukene bw’ibitoro bumaze indwi irenga bwibonekeza ku ma stations ari muri iyo ntara. Ni mu gihe ilitiro ry’igitoro ca essence rigeze ku mafranga ibihumbi umunani (8,000) y’amarundi kw’isoko rya magendu. Abanyagihugu basanzwe biyunguruza n’imiduga basaba leta gutorera umuti ico kibazo c’ikena ry’igitoro.
VI. Igenekerezo rya 25 Munyonyo ukwo umwaka utashe, isi yose irahimbaza umusi wahariwe kugwanya amabi akorerwa abakenyezi. Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano watanguje kuri uyu wa gatanu isekeza ry’imisi cumi n’itandatu mu kwamirira kure ayo mabi. Me Jeanne d’Arc Zaninyana arongoye uwo muhari arerekana ko amabi akorerwa abakenyezi abandanya yiyongera mu Burundi, Leta na yo ntaco iriko irakora kugira abayagirizwa bashengezwe.
VII. Abakenyezi bari mw’ikambi y’impunzi ya Lusenda mu gihugu ca Congo barasaba kuronswa amasabuni. Ni mu gihe bamaze amezi indwi igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR kitabaronsa amasabuni. Bavuga ko kubera isuku rike riharangwa, bashobora kwanduza abana bonsa, hambavu y’uko umubiri wabo ukenera isuku ridasanzwe.