Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 30/11/2022

Publié le 30 novembre 2022 par Rédaction
I. Ikiziga c’umuntu w’umugore catowe ku mutumba wa Kizuka muri komine n’intara ya Rumonge mu gitondo c’uyu wa gatatu. Amakuru ava mu ntwaro kuri uyo mutumba, avuga ko uwo mukenyezi yatowe ata gahuzu yambaye, ataramenyekana. Akaba yoba yiciwe ahandi anizwe, acaza gutabwa kuri uyo mutumba. Ayo makuru avuga ko ikiziga catwawe kwa muganga ngo basuzume neza intandaro y’urwo rupfu, mu nyuma y’aho inyamiramabi ihashikiye.
II. Hari abakenyezi babiri bo ku mutumba Musave mu gisagara ca Kayanza bapfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi kuva mu gitondo co kuri uwu wa gatatu. Hakaba ari inyuma y’aho hafatiwe ku mihana iwabo ibiro cumi vy’urumogi, bitanu bikaba vyari ku muhana w’umukenyezi umwe aba mu gacimbiri Wiraro ll. Ibindi bitanu vyari ku muhana w’uwundi mukenyezi aba mu gacimbiri Wingwa. Urwo rumogi rukaba rwafashwe mu gihe igipolisi cari cazindukiye gusaka muri iyo mihana, kuko cari gifise amakuru y’ukwo kuri uwu wa kabiri, hariko hapakururwa imiduga yari izanye ibitoke mw’isoko ryo mu gisagara ca Kayanza ibivanye mu ntara ya Cibitoke, abantu bari aho bakaba babonye hapakururwa umuzigo uteye amakenga. Hakaba hari n’abagabo babiri baturuka muri iyo ntara nyene bafatiwe mu muhana umwe muri iyo ibiri. Na bo nyene bakaba baciye bajanwa gupfungwa, kugira abo bose bane bakorweko amatohoza. Igipolisi kikavuga ko yaba abo bakenyezi, yaba n’abo bagabo ngo butabaye ubwa mbere bafatwa muri ubwo bubisha.
III. Abakirisu 10 b’ishengero Méthodiste Unie i Giharo mu ntara ya Rutana barapfungiwe mu busho butandukanye. Bakaba bapfunzwe bahorwa kuba barirukanywe muri iryo shengero ariko bakabandanya bitaba amasengesho. 9 bahagaritswe kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo i Giharo, bakaba bapfungiwe muri komisariya y’igipolisi mu Rutana. Uyundi umwe apfunzwe, yahagaritswe mu masengesho yo ku munsi w’Imana uheze.
IV. Abanyagihugu bo ku mutumba wa Birimba baratewe umutima uhagaze n’amazi azanana mu mufurege uri haruguru y’iyo karitiye iri muri komine n’intara ya Rumonge. Ni mu gihe hari amazu amaze guhitanwa n’ayo mazi. Amakuru dukura kuri uwo mutumba amenyesha ko, uwo mufurege ubangamiye karitiye ya Birimba ari umufurege wimbwe n’ishirahamwe OIM. Iryo shirahamwe rikaba ryari ryaciye uwo mufurege rifise intumbero yo kumanura amazi riyacishije ku mutumba wa Mugomere riyashikane aho mu Birimba. Uwo mugambi ukaba utahavuye ushirwa mu ngiro. Abo banyagihugu basaba ko mu ntwaro bozibira uwo mufurege, canke bagasaba iryo shirahamwe kubandanya ibikorwa ryishinze.
V. Imyidogo ni yose mu banyagihugu baba mu ntara ya Rumonge. Ni mu gihe abajejwe intwaro basavye ko ibiciro vy’inyama vyogabanuka ku masoko yo muri iyo ntara. Abadandaza bakavuga ko iyo ngingo igoye gukurikiza kuko ibiciro vy’inka vyabaye umurengera.
VI. Umunyagihugu ngo ni umurundi yigira sindabibazwa, adakunda igihugu canke ko yatswe uburenganzira bwo kwitoza kubera yakoze amakosa, na yo ngo umwenegihugu ni umurundi w’akarorero yubaha amategeko, agakunda igihugu ciwe. Uko niko bisigurwa na Commisaire Aloys Batungwanayo ari mu mugwi w’igihugu ujejwe kuvugana ukuri no kunywanisha abarundi CVR, akaba n’umwarimu wa kaminuza. Iyo mvugo yashikirije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yaraneguwe n’abarundi batari bake. Professeur Karori Nditije avuga ko iyo mvugo ibabaje ku muntu ari ku rwego nk’urwo, akemeza ko yaba Umwenegihugu canke Umunyagihugu, bose ari abana b’Uburundi ku rugero rungana. Iyo ngo ni imvugo yazanwe n’umugambwe CNDD-FDD kugira icemwo imigwi abarundi.
VII. Mu makuru y’inkino, igihugu ca Sénégal caraye kibaye igihugu ca mbere muri 5 vyaserukiye umugabane wa Afrika kironse uburenganzira bwo gukina inkino z’igice c’umunani gishira ica nyuma mu nkino z’igikombe c’isi yose, mu mupira w’amaguru, inkino ziriko zibera muri Qatar. Intambwe za Sénégal zikaba zaraye zitsinze Equateur ibitsindo 2 kuri 1. Ku bindi bihugu 4 vyaserukiye Afrika, biracarindiriye ingene inkino za nyuma zo mu bice birimwo zigenda.

Ibindi bisa n'ibi