I. Igenekerezo ya 12 Kigarama n’umusi mubi ku miryango yagandaguriwe abantu n’inzego z’umutekano, ziri kumwe na bamwe mu rwaruka rw’imbonerakure. Ubwo bwicanyi bwakozwe inyuma y’ibitero vyakozwe n’imigwi yitwaje ibirwanisho yateye amakambi amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura, hamwe n’imwe yo mu ntara ya Bujumbura, hari mu bucagucagu bwo ku wa 12 Kigarama 2015. Ico gihe, umuvugizi w’igisirikare w’ico gihe yaramenyesheje ko abo bagizi ba nabi bashoboye kubirukana. Ariko rero ivyo ntivyabujije ko inzego z’umutekano n’imbonerakure baca birara mu banyagihugu bo mu ma zone ya Ngagara, Cibitoke, Nyakabiga, Jabe, Musaga, Kanyosha hamwe n’uduce tw’intara ya Bujumbura. Abanyagihugu bo muri ivyo bice bamwe baranyurujwe, abandi baragandagurwa, abakenyezi bafatwa ku nguvu. Abishwe ico gihe bamwe bagiye guhambwa n’izo nzego nyene mu binogo rusangi muri zone ya Kanyosha, abandi baja guhambwa muri bene ivyo binogo mw’ishamba cimeza rya Rukoko. Bamwe mu babikoze baramenyekanye ariko n’uyu musi baracidegemvya. Urunani rw’amashirahamwe akorana na sentare mpanavyaha mpuzamakungu CB-CPI barahumuriza imiryango yakorewe ayo mabi yashoboye gutanga ibirego muri CPI, ko ayo ma dossier ariko arigwa. Umushingwamanza Lambert Nigarura arongoye urwo runani, avuga ko ibiro vy’umushikirizamanza wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, bimaze kuronka amakuru ahagije ku vyerekeye ivyaha vyakozwe kuri ayo matariki.
II. Basaba kuronswa umuco w’amatohoza ku wabo yapfuye. Abo ni abegereye umuryango w’umunyagihugu yahora aba mw’ikambi y’abateshejwe izabo i Mutaho aherutse kugandagurwa mu buryo budasiguritse. Abanyagihugu bagaterwa amakenga n’ukwo inyuma y’urwo rupfu, batewe ubwoba ngo ntihagire ico bahirahira ngo bashikirize.
III. Imyidogo ni myinshi mu banywanyi b’urunani rw’ama COOPEC mu Burundi FENACOBU. Uwahora ari umuyobozi ajejwe ivy’intwaro n’ubutunzi aragirizwa n’abanywanyi b’ama COOPEC kunyoyeza amatungo y’urwo runani. Aho bigeze ngo yarashinze n’irindi shirahamwe ryiwe bwite, ry’ukuziganya n’ukuguranana mu mafranga asahuye mu runani FENACOBU.
IV. Abanyeshure bo mu ntara ya Muyinga bashobora kugwara indwara ziturutse ku gufungura nabi. Abo banyeshure ntibakironswa ibiharage. Ivyo na vyo vyavuye ku ngingo yafashwe na leta yUburundi ibuza ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ibifungurwa PAM kugurira ibifungurwa mu mahanga. Abo bana ubu bakaba batakironswa n’umutsima w’ibigori nk’ukwo vyahora.
V. Umuntu umwe yaraye atemaguwe mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana n’abantu bitwaje imipanga mw’ikambi y’impunzi ya Nduta iri mu gihugu ca Tanzaniya. Ubu akaba ariko aravurigwa mu bitaro vyegereye iyo kambi. Abikekwa ko boba bakoze iryo bara boba ari bamwe mu basanzwe bakora inzoga zitemewe bita Kanyanga muri iyo kambi. Impunzi zigasaba ko hoba amatohoza ku boba bakoze iryo bara. Umwe muri izo mpunzi yaganiriye na radiyo Inzamba aratwiganira uko vyagenze.
VI. Abigeme 150 b’impunzi z’abarundi bo mw’ikambi ya Lusenda mu gihugu ca Congo iharanira demokrasi bararonkejwe impapuro zerekana ko bize imyuga itandukanye mu kiringo c’amezi 11. Ni akanyamuneza kuri bo, kuko bavuga ko bizobafasha kwiyungunganya mu buzima bwabo bwa misi yose. Barashimira ishirahamwe CARITAS ryabahaye ubwo bumenyi, bagasaba ko ryobandanya rifasha na bagenzi babo bari muri iyo kambi.
VII. Mu bijanye n’inkino, turagaruka ku gikombe c’isi mu mupira w’amaguru, aho igihugu ca Maroc catangaje abenshi mu gushika mu gice ca kabiri gishira icanyuma. Muri Basketball, inkino za playoff zatanguye mu mpera z’iyi ndwi twaraye turangije. Mw’ihiganwa Primus League, igice ca mbere (phase-aller) c’ihiganwa mu mupira w’amaguru caraye kirangiye.