Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 29/12/2022

Publié le 29 décembre 2022 par Rédaction
I. Umuntu umwe yitavye Imana agandaguwe mu gatondo ko kuri uyu wa kane muri komine ya Buganda, zone Ndava mu ntara ya Cibitoke. Niyera Laharoyi yishwe arashwe n’umusirikare Caporal-chef Jean de Dieu Manirambona, akorera ku kirindiro co ngaho i Ndava, akaba ari uwo mw’ikambi ya 62 ya ATMIS mu bahora kugarukana amahoro muri Somalia. Amaze gufatwa, yisiguye avuga ko yariko aragerageza kubangurukanya abariko barashamirana mu bariko baragerageza gusanasana ibarabara ryononywe n’imvura yaguye kuri uyu wa gatatu. Bagenzi b’uyo musirikare bakorana bakaba baje kumutabara abanyagihugu bamaze kumwaka inkoho, bashaka bihanire nawe bamugandagure.
II. Inama y’abajenama ba komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura ntiyabaye ikiba nk’ukwo yari yatumweko kuri uyu wa gatatu. Imvo ngo n’ukwo abajenama basanze ahabera inama abantu bavuga ko bazanywe na musitanteri wa komine Mukaza ngo babatere ubwoba. Uwo mutegetsi bivugwa ko yoba hari ibibazo vy’ama karitiye amwe amwe adashaka ko bija ahabona.
III. Isubirizwa ry’umunyabigega wa komine Giharo mu ntara ya Rutana ryari ku rutonde rw’ivyari kwigwa n’inama mpanuzwajambo isanzwe yabaye kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 27 z’uku kwezi, ntiyabaye ikimusubiriza. Umunyamabanga w’umugambwe CNDD-FDD ku rwego rwa komine akaba yasavye ko ico kibazo kizokwirwa mu yindi sango. Ivyo na vyo vyarateye amakenga bamwe mu bagize inama mpanuzwajambo.
IV. Comité iserukira impunzi z’i Mahama mu gihugu c’Urwanda isaba ko amabi akorerwa bamwe mu barundi yohagarikwa burundu, leta ikagarukana amasezerano ya Arusha y’amahoro no kunywanisha abarundi kugira babone gutahuka. Ivyo biri mu butumwa izo mpunzi zarungikiye leta y’Uburundi inyuma yaho intumwa zayo zigendeye iyo kambi zisaba gutahuka kw’impunzi.
V. Imyidogo ni myinshi ku banyagihugu baba mu gisagara ca Ngozi. Ni mu gihe hibonekeza ubukene budasanzwe bw’igitoro, ku ma sations atari make ari muri ico gisagara. Amakuru radiyo Inzamba Agateka kawe ikura muri iyo ntara amenyesha ko, iryo kena ry’igitoro rituma ibiciro vy’ibidandazwa vya nkenerwa biduga, eka n’amatike y’ukwiyunguruza. Abo banyagihugu bagasaba leta kwihutira gutorera umuti ico kibazo cikena ry’igitoro.

Ibindi bisa n'ibi