I. Uyu mwaka wa 2023 twaraye dutanguye, Uburundi bwipfuza kugira indongozi zigira ku ntwaro ibereye, kugira igihugu gishike kw’iterambere riboneka. Vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mw’ijambo yashikirije abarundi mu gihe co kubipfuriza umwaka mushasha wa 2023. Akaba yasavye indongozi guhindura ingendo muri uyu mwaka dutanguye.
II. Abantu batatu bitavye Imana bivuye kw’isanganya ryabereye kw’ibarabara rya Rumonge, hafi y’ibitaro Kira Hospital, hari mu gitondo co kuri uyu wa mbere 02 Nzero 2023. Amakuru ava ngaho habereye iryo sanganya, yemeza ko ari imodoka yunguruza abantu iva mu gisagara ca Bujumbura ija mu Ruziba, yagonze uruzitiro rw’ibitaro vya Kira. Irindi sanganya ryabaye n’imodoka yunguruza abantu yamanutse iva mu Gihosha vyanka ko ihagarara, ica yinjira mu bitaro vya hopital militaire hakomereka uwaraje kwivuza.
III. Ikiza ca cholera kimaze kwibonekeza mu ma karitiye yo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Ivyo biri mu rwandiko rw’umushikiranganji w’amagara y’abantu, aho avuga ko abantu icenda vyagaragaye ko bamaze kwandura iyo ndwara mu ma karitiye ya Kinama, Cibitoke na Mutakura.
IV. Imyidogo ni myinshi ku barwayi bivuriza ku bitaro vyegukira komine Nyarusange mu ntara ya Gitega. Aho hibonekeza ubukene bw’abakozi. Abanyagihugu b’aho bakaba bavuga ko bacumukura iyo bakeneye umuganga, kuko baca baja kwivuriza ku bitaro vya kure biri mu yindi ntara. Bagasaba ko ico kibazo cofatwa mu minwe n’abajejwe ivy’amagara y’abantu muri iyo ntara.
V. Isuku rike rirangwa mw’ikambi y’impunzi y’i Mulongwe mu gihugu ca Congo iharanira demokarasi riteye umutima uhagaze impunzi z’abarundi. Iryo suku rike rikaba ryunyurwa no kubura amazi meza banywa, n’ayo bakoresha. Abo barundi basaba igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR kubaronsa vya nkenerwa bijanye n’isuku, kugira ngo ntibandure indwara zifatiye kw’isuku rike.