Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/01/2023

Publié le 4 janvier 2023 par Rédaction
I. Umwe mu basirikare yavuzwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu mw’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu kuva mu mwaka wa 2015, yaraye arungitswe mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrique mu rwego MINUSCA rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, nk’uko amakuru ava mu gisirikare abimenyesha. Uwo na we ni adjudant Léonidas Ndayishimiye. Ico gihe akaba yaragifise ipete rya sergent major.
II. Ingingo yafashwe na sentare nkuru ya Mukaza yo gupfunga umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye imyaka 10, ije kubandanya icafuza isura y’Uburundi mu bijanye n’agateka ka zina muntu. Bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana aho anegura iyo ngingo avuga ko yuzuye akarenganyo. Ku bwiwe, vyerekana k’ubutungane bukibohewe amaboko i mugongo n’ubutegetsi, agasaba k’uwo mumenyeshamakuru yorekurwa atakirinze gusabwa.
III. Imyidogo ni myinshi mu bakorera mu mashirahamwe akorana na OBR mu gisata co gutoza amakori, bita agence de douane mu gifaransa. Bamwe mu bafise ayo mashirahamwe bidogera ubuyobozi bubijejwe muri OBR, ko bwabatse uruhusha rwo kubandanya bakora muri uno mwaka, butisunze ko bubahirije ibisabwa n’amategeko. Ibice 75% vy’abakorera muri ayo mashirahamwe ni bo bagiye kudasubira gukora.  Badoma urutoke abayobozi babiri bajejwe igisata ca douane ko babasubirije n’ayandi mashirahamwe ku nyungu zabo bwite z’abo bayobozi.
IV. Ubwoba ni bwose mu banyagihugu bo mw’i Tenga, agacimbiri Butuhurana. Batinya ko bashobora kwandura Choléra imaze kwibonekeza muri zone Kinama bahana urubibe, na rirya bamaze imyaka ibiri ata mazi arangwa muri ako gace. Basaba Leta kubaronsa amazi meza.
V. Abanyagihugu bo ku mitumba ya Kizuka na Birimba muri komine n’intara ya Rumonge, barafise amakenga ko bashobora gufatwa n’indwara zifatiye kw’isuku rike. Imyaka itari mike iraheze basaba amazi ariko ntibaronswe inyishu. Ayo bakoresha bayagura ku birometero birenga cumi, amafranga 1500 ibidon.
VI. Indwi 2 za nyuma ziheraheza umwaka ntizagenze neza mu mpunzi z’abarundi bari mw’ikambi ya Lusenda mu gihugu ca Congo iharanira demokrasi. Bishikirizwa na Iranzi Olivier, aserukira izo mpunzi. Avuga ka abashika 20 babujijwe umutekano. Hari uwishwe azira inka atunze, abigeme n’abakenyezi bafatwa ku nguvu.
VII. Iranzi Olivier, aserukira impunzi z’abarundi mw’ikambi ya Lusenda mu gihugu ca Congo iharanira demokrasi asaba igisata kijejwe impunzi HCR gukurikiza amategeko agenga impunzi.

Ibindi bisa n'ibi