I. Hari umugabo yatowe aboshe kandi biboneka ko yataye ubwenge mu gitondo c’uwu wa kane. Vyabereye ku mutumba Mutambara muri komine n’intara ya Rumonge. Abanyagihugu bo muri iyo komine bakaba batewe umutima uhagaze n’ubugizi bwa nabi busa n’uburiko burimonogoza muri iyo komine.
II. Muri komine n’intara ya Gitega, hari umunyagihugu wo ku mutumba Birohe ari ku musego inyuma yo gukubitwa n’imbonerakure zirongowe n’umuyobozi w’ishure shingiro rya Birohe azwi kw’izina rya Protais. Abegereye umuryango wiwe basaba ko avuzwa, abamukubise nabo bagakurikiranwa n’ubutungane.
III. Imisi itatu irarumanye ata n’ima ry’amazi ribonetse muri Musama ya mbere, zone ya Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura. Ababa muri iyo karitiye basaba ishirahamwe REGIDESO kubatunganiriza, na cane cane muri kino gihe indwara ya cholera imaze kwibonekeza mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura.
IV. Abanywanyi ba koperative Sangwe bo muri komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura bagiriza musitanteri w’iyo komine Rénovât Sindayihebura, ko yanyuruje amafranga yari agenewe abanywanyi b’iyo koperative arenga imiliyoni 250. Basaba ko uyo musitanteri yoyasubiza, kandi agakurikiranwa imbere y’amategeko.
V. Abavyeyi b’abana biga mu mwaka wa gatanu B kw’ishure shingiro rya Gatwaro muri komine ya Kayogoro iri mu ntara ya Makamba, baratewe amakenga n’uko gushika uyu musi ata manota baratanga kuri abo bana. Ikibabaza abo bavyeyi n’uko ataco barigera babwirwa, nk’ikibazo coba catumye abo bana badahabwa amanota yabo y’igice ca mbere. Ariko bakavuga ko bamaze kuronka amakuru ababwira ko vyoba vyaturutse ku kutumvikana hagati y’umwigisha w’iryo shure n’umuyobozi w’ishure. Abo bavyeyi bagasaba ko ubuyobozi bw’amashure mu ntara bwokura mu nzira ico kibazo, abana bakaronswa amanota.