Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/01/2023

Publié le 9 janvier 2023 par Rédaction
I. Abasirikare barenga cumi baguye mu ntambara zabaye mu ndwi iheze mu gihugu ca Congo iharanira demokrasi, mu Ntara ya Kivu, batanu muri bo baguye mu nzira bariko bajanwa kwa muganga. Abasirikare bagenzi babo basaba ko leta y’Uburundi yotegekanya indege yo gutabara mu bihe nk’ivyo, kuko bigoye kumarana imisi irenga ine abantu bakomeretse bariko bajanwa kwa muganga.
II. Abanyecongo bo mu bwoko bw’Abanyamulenge bariyamiriza ingabo z’Uburundi zarungitswe muri ico gihugu. Bavuga ko babica bakongera bakabasahura, babaziza uko baremwe. Bagatinya ko abo barundi baje kubandanya ihonyabwoko bariko barakorerwa n’iyindi migwi ya Congo. Abo banyamulenge, baritabariza basaba ko bokingirwa ubwo bwicanyi.
III. Bamwe mu banyagihugu bo muri Quartier Ruziba Zone Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura barababazwa n’uko ataho bagifise bashingura ababo. Igice kimwe c’aho bahora bahamba abantu cahawe abantu bahubaka amazu. Kino gihe, bagasanga bariko bahamba mu mva zisanzwe zihari, bagerekeranya abapfuye ku bandi. Basaba abarongoye igihugu kugarukana ico gice cahawe abubaka babanje gupfumbatisha Musitanteri yahahora.
IV. Amazu yegereye ahatabwa imyanda muri Quartier ya Buterere agiye kubomorwa kubera ivyo bibanza bitagenewe kubakwamwo. Ivyo vyashikirijwe n’umushikranganji ajejwe inyubako Dieudonné Dukundane, mu rugendo yari yagize muri iyo zone kuri uyu wa gatandatu uheze, ari kumwe n’abajejwe intwaro. Abanyagihugu bahaba basaba leta umuzibukiro, imbere yo kubomora amazu yabo.
V. Bamwe mu banyagihugu bateshejwe izabo n’umwuzurira w’ikiyaga Tanganyika muri komine n’intara ya Rumonge baratabaza. Abegeranirijwe mu kigo citwa CEMINA muri iyo ntara nyene, basaba ko boronswa ahandi bimurirwa kuko babayeho mu buzima bubi cane.
VI. Abanyamitahe kizigenza b’ibitaro KIRA barungikiye kuri uno wa mbere ikete ubuyobozi bw’ivyo bitaro. Muri iryo kete, abo banyamitahe bashira ahabona ibimenyetso vyerekana ingene ivyo bitaro KIRA biriko biratemba. Kubw’umushingwamanza Gustave Niyonzima akurikiranira hafi ibibazo vy’ivyo bitaro, bimwe mu vyo abo banyamitahe bafatirako, n’isohorwa mu kigega ry’amafranga atagira insiguro, abakozi bafise ubumenyi bukwiye babandanya bahava, n’ugucerwa guhemba abakozi b’ibitaro. Abo banyamitahe basaba gusubira gushirwa mw’itunganywa ry’ivyo bitaro kugira bafashe, amazi atararenga inkombe.
VII. Urubanza rwaciriwe umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye rwo gupfungwa imyaka 10, ngo n’ikimenyetso kitabesha y’uko ubutungane bukibohewe amaboko i mugongo. N’umwihwezo w’uwurongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Marie Louise Baricako ntakekeranya y’uko Floriane Irangabiye ariko azira ivyiyumviro vyiwe. Agasaba umukuru w’igihugu kurekura Floriane Irangabiye atagisabwe, kugira ashobore gusubira mu muryango wiwe.
VIII. Mu makuru yaranze inkino mu ndwi twaraye dusozereye, muri Basketball, imigwi y’Urunani na Gymkhana mu bagabo hamwe na Gladiators na les Gazelles mu bigeme ni yo yaronse uburenganzira bwo gukina inkino za nyuma za playoff. Turagaruka no kw’ihiganwa ry’akarere ka afrika y’ubuseruko ririko rirabera i Bujumbura, kuva ku munsi wa gatandatu, mu rukino rwa Tennis.

Ibindi bisa n'ibi