Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/01/2023

Publié le 14 janvier 2023 par Rédaction
I. Abantu batatu bapfuye bakubiswe n’inkuba ku mutumba Magara ya mbere muri komine Bugarama, mu ntara ya Rumonge. Amakuru ava muri iyo komine avuga ko abo bantu bagizwe n’umukenyezi, umwigeme hamwe n’umwana akiri muto. Bakaba bakubiswe n’iyo nkuba bugamye imvura mu mirima aho bariko barakora. Bakaba bacikanye bose bamaze gushikanwa ku bitaro vy’aho i Magara, nk’uko ayo makuru abandanya abivuga.
II. Musitanteri mushasha wa komine ya Bugarama, yatowe kuri uwu wa gatandatu. Kiretse ko ayo matora yaranzwemwo amanyanga, bamwe mu banyagihugu bavuga ko ata kinini bamwitezeko uwo yatowe.
III. Ubutunzi bw’igihugu ntibuhuye n’ingingo zaraye zifashwe n’ibanki nkuru y’igihugu ku bijanye no kutarenza amafranga akurwa, canke ashirwa kuri konti. Ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo, rirerekana bimwe mu ntambamyi ziri mw’ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo, ni nk’ubukene bwa internet nziza, n’ibikorwa vy’ubutunzi bidaciye mu mategeko ku rugero rurenga 70%. Faustin Ndikumana arongoye PARCEM abona ko iyo ngingo yategerezwa kubanza kumenyeshwa abantu kugira bayitegurire. Ariko akaba ashigikira ko hafatwa ingingo yo kurwanya abanyuruza amafranga, canke bakora ubundi busuma ubwari bwo bwose.
IV. Ikiganiro Kw’Isôko kiza guhagarara ku karusho urwaruka rugiye kuronkera mu masezerano ashiraho amategeko agenga urwaruka muri Afrika, amasezerano aherutse guterwako igikumu na leta y’Uburundi.

Ibindi bisa n'ibi