I. Hari umwarimukazi apfungiwe mu gasho k’igipolisi muri komine Nyabihanga intara ya Mwaro, kuva kuri uwu wa gatatu. Uwo mwigisha yagirizwa kumena ijisho umunyeshure yigisha. Mu gihe abavyeyi b’uwo mwana batabaza ko yovuzwa, amakuru ava ngaho Nyabihanga avuga ko hari umugambi wo kurekura uwo mwigisha, kubera umugwi umushigikiye. Bagasaba ko ubutungane bukora.
II. Ubusuma bwabaye ndanse kw’ishure Shingiro rya Mutanga Sud muri komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura. Kuri uno wa mbere, ku ncuro igira gatatu, abasuma barivye intsinga z’amatara kuri iryo shure bariba ikonteri y’amazi, batwara n’ibiyo vyo kumadirisha n’imiryango. Ikibabaje abavyeyi n’abarongoye iryo shure, n’ukwo basavye abajejwe intwaro muri komine Mukaza, ngo iryo shure barironse abajejwe umutekano baricungera, ariko ntacakozwe.
III. Uno musi ugize kabiri abigisha bo mu mashure yisumbuye yo mw’ikambi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya, bahagaritse akazi. Kuva kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 08 kuno kwezi, nta n’umwe atonda kw’ishure. Bimwe mu vyo basaba ngo n’uko hokwongerezwa agashahara kuko ako basanzwe baronka ari intica ntikize, kandi ibintu vyaraduze ibiciro ku rugero rudasanzwe.
IV. Leta ikwiye guhagurukira ikibazo giterwa n’ikena ry’igitabo c’inzira bita passeport, kimaze igihe cibonekeza muri PAFE. Vyashikirijwe n’ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama. Mu kiganiro Faustin Ndikumana yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane, avuga ko iryo kena rituma igihugu gitakaza icizere kubakigendera n’abanyagihugu baco. Asaba umushikiranganji wa mbere kwicarira ico kibazo mu maguru masha.
V. Imirima itari mike y’ibigori ku mutumba Gasaka ya komine n’intara ya Makamba irageramiwe n’udukoko twonona ibigori. Umuti abarimyi bakoresha mu kwica utwo dukoko ugurwa amafranga 10.000 y’amarundi. Bavuga ko bari mu bukene budasanzwe, bagasaba leta kubafasha mu kubaronsa uwo muti ku giciro gito.