Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/02/2023

Publié le 13 février 2023 par Rédaction
I. Umuryango ugizwe n’umugabo n’umukenyezi wiwe warishwe ku wa kane w’indwi iheze, ku mutumba Masango muri komine Mutaho, mu ntara ya Gitega. Abo bahisi bakaba baheruka guhunguka bava mu gihugu ca Tanzaniya, bikavugwa kandi ko bari abanywanyi b’umugambwe CNL. Amakuru ava kuri uwo mutumba amenyesha ko bishwe bagirizwa uburozi. Ababanyi b’abo bahisi, bagiriza abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD ko ari bo boba barabishe, kuko ngo bari bamaze kubahigira babagiriza ko ari bo boba bararoze umukuru w’agacimbiri Gahaza yitavye Imana.
II. Mu gihugu c’Uburundi ngo nta bashomeri bahari, abashomeri baba mu bihugu vya Bulaya. Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ku musi wa gatanu uheze, aho nyabuna yavuze ko abadakora ari ibinebwe. Hari mu kiganiro yagiranye n’urwaruka mu co bise Inkerebutsi day, ikiganiro cabereye mu gisagara ca Bujumbura.
III. Kubwa Frederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, ivyo Evariste Ndayishimiye yashikirije nta kuri na guto bifise. I bulaya leta irashigikira abikorera ivyabo, batera imbere bagatanga ubuzi. Ngo nayo mu Burundi umugambwe uri ku butegetsi wishinga guhata abanyagihugu ngo bawinjiremwo ku gahato, ata migambi uriko urabereka mu ntumbero yo kugwiza akazi.
IV. Umuhari M23 wahawe imisi 30 kuva kuwa 28 Ruhuma ngo ube wavuye mu birindiro wafashe. Ivyo biri mu ngingo zashinzwe n’inama y’abakuru b’ibiro bikuru vya gisirikare vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko, mu nama yabahuje ku wa kane w’indwi iheze. Inteko z’Uburundi, iza Kenya, iza Uganda n’izo muri Soudani y’epfo akaba ari zo zizoja gushira mu ngiro iyo ngingo. Abasirikare b’Uburundi bakaba batanguye kwitegurira ico gikorwa.
V. Amatohoza y’urutavanako ni yo komine Nyanza-lac iriko iragirwako ku bijanye n’ikoreshwa ry’amafranga ya komine. Amakuru dukura muri iyo ntara ya Makamba amenyesha ko, muri iyi ndwi iheze iyo komine yagendewe n’imigwi ibiri: umwe warungitswe n’ubushikiranganji mu vyo  bujejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu, hamwe n’uwundi woba wavuye mu biro vy’umukuru w’igihugu. Ayo matohoza akaba yateye umutima uhagaze abajejwe intwaro muri iyo komine, kuko babagendeye batategujwe. Iyo migwi ikaba yoba yarungitswe kuko amahera yinjira mu kigega ca komine igereranije n’amasezerano abiri nyamukuru komine ifise, ateye amakenga.
VI. Uyu munsi ni umunsi mpuzamakungu wahariwe iradiyo. Kubwa Innocent Muhozi, umumenyeshamakuru w’umurundi, ama leta yarakwiye guteza imbere ama radiyo nk’igikoresho gifasha mu guhanahana amakuru mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo rusangi biba vyugarije abanyagihugu. Innocent Muhozi, akaba anarongoye Télévision Renaissance, yibutsa uyu musi ingene umwuga wo kumenyesha amakuru wifashe mu gihugu, aho abategetsi bashaka ko iradiyo ikoreshwa n’ubutegetsi, ivyo bigaca bituma itakaza ubwigenge bwo gukora ico ijejwe.
VII. Nayo mu Burundi abanyagihugu barashima uruhara rw’iradiyo. Bamwe mu baganiriye na radiyo Inzamba agateka kawe, bavuga ko ama radiyo atuma bamenya ibibera mu gihugu ku mwanya ku mwanya. Ariko basigura ko ama radiyo ari hanze y’igihugu abafitiye akamaro kaniniya cane kubera atuma bamenya ibintu bitavugwa n’amaradiyo akorera mu Burundi.
VIII. Mu makuru y’inkino, ikiringo co kugura no kugurisha abakinyi ba basketball mu Burundi caraye kirangiye. Mu mupira w’amaguru naho, ku ndwi ya 19 y’ihiganwa ku rwego rw’igihugu, Bumamuru waraye usubiriye ku kibanza ca mbere, inyuma yo gutsinda ibitsindo 7 vyose Kayanza United.

Ibindi bisa n'ibi