Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/02/2023

Publié le 15 février 2023 par Rédaction
I. Igihugu ca leta zunze ubumwe za Amerika kiratera akamo abanyagihugu baco baba mu Burundi ko bokwiyubara ku kibazo c’umutekano wabo udashemeye, mu turere tumwe tumwe tw’igihugu c’Uburundi. Ivyo biri mw’itangazo ry’ubuserukizi bw’ico gihugu ryasohowe kuri uno wa mbere, aho bugabisha abakozi baryo kutayerera cane cane kuva igihe c’isaha 12 z’umugoroba gushika cumi na zibiri z’igitondo, mu gihe haba harangwa umwijima hirya no hino mu turere duhanamiye igisagara ca Bujumbura. Leta ya Amerika imenyesha kandi ko ata bushobozi ifise bwo gutabara vyihuta abantu babo bahuye n’ibibazo vy’umutekano mu tundi duce tw’igihugu c’Uburundi umutekano udashemeye, aho ni mu ntara za Bubanza na Cibitoke be no ku nkengera z’ikibira gushika mu duce tumwe tw’intara ya Muramvya, nk’uko biri muri iryo tangazo ry’ibiro biserukira igihugu ca leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi.
II. Mu gihe kuri uyu wa gatatu mu gihugu c’Uburundi bahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya indwara ya kanseri, abantu barenga 7000 bari mu mice yose, nibo banduye iyo ndwara umwaka uheze. N’ibitigiri vyatororokanijwe n’ibitaro CMCK vyo mu gisagara ca Bujumbura.  Abagwayi basabwa   kwipimisha Cancer no kuyivuza hakiri kare, kuko ishobora gukira iyo ivuwe kare.
III. Ukwipimisha biri mu buryo bwo kugabanya ibitigiri vy’abahitanwa na Cancer mu Burundi, cane cane ko igihugu kigifise ubukene bw’abaganga b’abahinga hamwe n’imiti yo kuyivura. Ivyo bisigurwa na Muganga Jean de Dieu Havyarimana, hari mw’isekeza ryo guhamagarira abantu kwipimisha kuri uyu wa kabiri uheze mu gisagara ca Bujumbura, ku bajejwe ibisata bitandukanye vy’ubuvuzi. Yaramenyesheje ko iyo umuntu yipimishije kare bituma ashobora kuvurwa, kandi agakira. Ni mu gihe kuri uyu wa gatatu ari ho hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe kugwanya cancer mu Burundi, usanzwe uhimbazwa kuwa 4 Ruhuhuma uko umwaka utashe.
IV. Ubukene bw’igitoro co mu bwoko bwa essence bumaze indwi hafi zitatu bwibonekeza ku ma stations mu ntara ya Makamba. Ivyo bikaba biriko bituma ibiciro vyo kwiyunguruza biduga. Ilitiro y’igitoro ca essence ubu igeze ku mafranga 8000 kw’isoko rya magendu.
V. Ikibazo kijane n’ikena ryibitoro cabaye akayoberabahinga ngo kigiye gutorerwa umuti mu maguru masha. Muri uku kwezi kwa kabiri nyene, hazoba hamaze kuboneka igitoro ntegabizoza n’imiburiburi c’amezi atandatu. Ico cizere gitangwa na Jean Albert Manigomba, umuyobozi mukuru wa Regideso, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri aho avuga kandi ko kubona ata gitoro kihari vyaturutse ku kagorane gato cane kajanye n’ubuhinga, ariko ko katorewe umuti. Imiduga ipakiye ngo ubu iri mu nzira.
VI. Leta y’Uburundi yari ikwiye nyabuna gufata mu minwe ikibazo c’ibura ry’akazi, chômage mu gifaransa, cimonogoje mu Burundi. Ni umwihezo wa Faustin Ndikumana atwara ishirahamwe PARCEM, rihamagarira abarundi guhindura ingendo. Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu. Ku bwiwe, ngo guteza imbere igisata c’amashure no guteza imbere igisata c’ubutunzi ni bimwe mu vyotuma ikibazo c’ikena ry’akazi gitorerwa umuti.

Ibindi bisa n'ibi