Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 16/02/2023

Publié le 16 février 2023 par Rédaction
I. Umutekano wifashe neza mu gihugu cose. Ivyo n’ibishikirizwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Ninteretse, aho avuga ko itangazo ryasowe n’ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi busaba abanyagihugu babo baba mu Burundi kudaca mu bibanza bimwe bimwe vyo mu gisagara ca Bujumbura no mu ntara zimwe zimwe kubera umutekano muke, ari ibihuha. Avuga ko iryo tangazo ata n’iryo yigeze abona, ahubwo ari abantu bashaka kwerekana ishusho mbi yigihugu.Ivyo akaba yabishikirije mukiganiro yhaye abamenyeshamakuru ku bijanye n’ingene umutekano wifashe mu gihugu.
II. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu aremera kandi ko hariho abantu bane bakorera ishirahamwe ridaharanira inyungu za politike, bafashwe muri ino ndwi ku kibuga c’indege ca Bujumbura. Avuga ko abo bantu bariko bagirwako amatohoza kuko bakorana n’amwe mu mashirahamwe atemewe mu gihugu. Ikindi ngo n’uko Leta itabona n’amafaranga bakoresha iyo ava, ko anashobora gukoreshwa mu bikorwa vy’iterabwoba mu gihugu.
III. Mu matohoza ishirahamwe FOCODE iheruka gukora, ryasanze igandagurwa rya Ferdinand batazira Kambayingwe mu ntara ya Kirundo ryakozwe n’abarongoye umugambwe CNDD-FDD n’igipolisi mu ntara, ngo riri mu rutonde rw’abandi bantu bishwe, abandi baburwa irengero hakoreshejwe iperereza rya gisirikare n’inzego z’umugambwe. Ivyo biri mu cegeranyo casohowe kuri uyu wa kane n’ishirahamwe FOCODE. Pacifique Nininahazwe avuga ko ubwicanyi bwakorewe Ferdinand Kambayingwe, ari ubwicanyi ndengerabutungane, ico bita exécution extra-judiciaire mu rurimi rw’igifaransa.
IV. Pacifique Nininahazwe, arongoye FOCODE, akababazwa n’uko abagirizwa muri ubwo bwicanyi, hagukurikiranwa, ahubwo bashimiwe.
V. Imyidogo ni yose mu bantu barenga 200 inyuma y’irekurwa ryo kuri uyu wa gatatu ry’uwitwa Diane arongoye ishirahamwe rijejwe kugurisha ama ticket y’indege. Abo barundi bagiriza uwo mupfasoni kwanka kubasubiza amahera batanze inyuma yo kwankirwa gufata urugendo ruja mu gihugu ca Serbiya mu mwaka uheze. Basaba umukuru w’igihugu kubafasha kugaruza utwabo, kuko bari mu bukene bwinshi.
VI. Hari umugwi ujejwe gutohoza ku bushurashuzi bukorerwa abanyeshure bwagirizwa uwurongoye ishure ryisumbuye rya Christ Roi ryo mu gisagara ca Gitega. Uwo mugwi warungitswe n’ubushikiranganji bw’indero, watanguye igikorwa kuva kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 10 kuno kwezi. Ariko rero abavyeyi b’abana bagumana amakenga ko ataco uzoshikako, kubera imigenderanire uwurongoye iryo shure afitaniye n’abari mu mugambwe uri ku butegetsi, na cane cane uwurongoye indero mu ntara.
VII. Amatohoza y’urutavanako arabandanya muri komine Nyanza-lac ku bijanye n’ikoreshwa ry’amafranga ya komine.  Inyuma y’imigwi 2 yaje mu ndwi iheze, kuri uyu wa gatatu haje abo muri Sentare igwanya ibiturire. Abanyagihugu basaba ko hoja harashirwa ahabona ivyatohojwe n’iyo migwi iguma icanacanako, kugira ukuri kumenyekane.
VIII. Kugira ububiko bw’igitoro ku rwego rw’igihugu kuva mu kwezi kuza ni vyiza. Ariko rero inyishu kw’ibura ry’igitoro ryama ryibonekeza umuti waryo uri ahandi. Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME, ryishinze kurwanya igiturire, n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, leta yategerezwa nyabuna gukora ibishoboka kugira amafranga y’agaciro aboneke bikwiye, hama isoko ry’igitoro na ryo ryugururirwe abipfuza bose gushiramwo imitahe. Gabriel Rufyiri abivuze inyuma y’aho umuyobozi mukuru wa REGIDESO amenyesheje mu ntango z’iyi ndwi, y’uko kuva mu kwezi kwa Ntwarante, hagiye kuboneka ububiko bw’igitoro ku rwego rw’igihugu gishobora kumara amezi arenga atandatu.

Ibindi bisa n'ibi