I. Abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi batanu baraye bafatiwe ingingo yo gufungirwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, n’inyuma yo kwumvirizwa kuri uyu wa kane. Iyo na yo n’ingingo idakurikije amategeko. bishikirizwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana yanonosoye amategeko. Ku bwiwe ibiriko birashikira abo baharanira agateka ka zina muntu nta kindi bigamije atari ugukandamiza abaharanira agateka ka zina muntu. Me Janvier Bigirimana asaba ko borekurwa atakirinze gusabwa.
II. Janvier Bigirimana akamenyesha kandi ko ababazwa n’ukubona uyu munsi abashingwamanza bo mu Burundi ari ibikoresho vy’ubutegetsi bwa CNDD-FDD.
III. Mu runani rw’abanyepolitike n’imigambwe itavuga rumwe na Leta CFOR Arusha baranegura iryo pfungwa ry’abaharanira agateka ka zina muntu, bakavuga ko ibikorwa bitandukanye cane n’amajambo ashikirizwa n’umukuru w’igihugu. Jean Bosco Rwigemera, icegera c’uwurongoye urwo runani, afata ko amajambo ashikirizwa n’umukuru w’igihugu ari ayo guhuma amaso amakungu, mu gihe hakorwa ibihushane mu gihugu.
IV. Abasirikare bangana brigade ni bo bariko bategurwa mu kibanza co ku Mudubugu, ngo bazoje mu nteko z’akarere ka Afrika y’Ubuseruko, mu gihugu ca Congo. Abo basirikare bakuwe mu makambi atandukanye harimwo n’abahora bakorera mw’ishamba rya Kibira mu ntara ya Cibitoke.
V. Ikiziga c’umugabo catowe kuri uyu wa gatanu mw’ikambi irimwo impunzi z’abarundi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya, muri village y’umunani. Uyo muntu ngo bigaragara ko yanizwe. Impunzi zigasaba ko igipolisi ca Tanzaniya cokora amatohoza akwiye, abamugandaguye bamenyekane, yongere ahambanwe iteka.
VI. Imyidogo ni myinshi mu bigisha n’abavyeyi barereye kw’ishure shingiro rya Muyebe ya kabiri, muri komine Nyabihanga, mu ntara ya Mwaro. Ni mu gihe havugwa ubusuma bw’ibitabo vy’abanyeshure, hamwe n’ivyo abigisha basanzwe bifashisha mu gutegura ivyigwa. Ivyo bitabu bikaba vyibwe kw’igenekerezo rya 10 Ruhuhuma uno mwaka. Amakuru ava kuri iryo shure avuga ko hari uwikekwa kuba ari we yabinyuruje ariko bakagira amakenga ko ashobora kudahanwa, kuko asanzwe arongoye umugambwe uri ku butegetsi ku mutumba Muyebe.
VII. Haribonekeza ubukene bw’ibitoro vyo mu bwoko bwa Essence mu ntara ya Kirundo mu buraruko bw’igihugu. Ivyo navyo bikaba vyatumye haba ingaruka zifatiye kw’iduzwa ry’ibiciro ku rugero rwo hejuru. Abanyagihugu bakaba bari baronse icizere, mu gihe umuyobozi mukuru wa Regideso yaheruka kuvuga ko ico kibazo catorewe umuti.