I. Hari umwigisha wo kw’ishure ryisumbuye ry’imyuga ry’i Muyinga akwije imisi 58 afungiwe mw’ibohero rikuru rya Muyinga, ku mutahe w’umushikirizamanza wa republika Gérard Niyokindi. Akaba yagirizwa kubana nabi n’umukenyezi wiwe, uwo na we mbere, akaba ari we yanamwitwariye. Juvénal Kabwa akaba yahagaritswe ku wa 28 Kigarama mu mwaka uheze, ajanwa mu gasho k’inyamiramabi, bukeye bwaho aca yinjizwa ibohero rikuru rya Muyinga. Kuva ico gihe, umushikirizamanza wa republika akaba atarajana dossier y’uwo mwigisha muri sentare, kugira ngo urubanza ruburanishwe mw’ido n’ido. Umuryango wiwe bagasaba umushikirizamanza gushikana uwabo amaze ico gihe cose afunzwe vya gateganyo, imbere ya sentare kugira ngo yumvirizwe hanyuma na we yiregure ku vyo yagirizwa. Nk’uko umuryango wa Kabwa ubimenyesha, ngo yoba yategetswe gushira umukono ku rwandiko rwemeza ko atazosubira mu rugo kandi agatanga n’ibirezo vy’abana, kugira ngo bikunde atezurirwe. Uruganda rwa radiyo Inzamba rukaba rutararonka kuri telefone Gérard Niyokindi, umushikirizamanza wa republika mu ntara ya Muyinga kugira atange umuco ku makenga y’uwo muryango.
II. Ihuriro ry’abashingwamanza baburanira imiryango y’abakorewe amabi akurikiranwa n’ama sentare mpuzamakungu ririyamiriza ihagarikwa n’ipfungwa ry’abaharanira agateka ka muntu batanu, uno munsi bari mw’ibohero rya Mpimba, haraheze indwi. Iryo huriro CAVIB ribona ko ihagarikwa ryabo ryerekana urwanko bamwe bamwe mu bategetsi mu gihugu bafitiye imigwi imwe imwe y’abarundi. Kubw’umushingwamanza Yves Runyagu ajejwe imigenderanire n’imigambi muri CAVIB, ngo vyerekana ko ata murundi n’umwe yokwijajara ngo aratekaniwe, agasaba y’uko abo baharanira agateka ka muntu borekurwa ata gisabwe.
III. Mu birego birenga amajana ane vyakiriwe n’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi, ijana birenga vyari vyerekeye agateka k’abanyagihugu mu kwishira n’ukwizana mu buzima bw’igihugu na politike. Cumi n’indwi na vyo vyari vyerekeye agateka mu vy’ubutunzi, imibano n’akaranga. Ivyo biri mu cegeranyo c’ivyaranguwe n’uwo mugwi mu mwaka 2022 ku bijanye n’agateka ka zina muntu. Ico cegeranyo cashikirijwe kuri uno wa gatatu imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka, kirerekana ko uburyo abanyororo bapfungiwemwo mu busho butandukanye bwo mu gihugu budashimishije.
IV. Abigisha basanzwe baba kure y’amashure barangurirako imirimo yabo basabwa n’umuyobozi w’indero mu ntara ya Muyinga, Blaise Pascal Misago, kubahiriza na ntaryo amasaha y’akazi yategekanijwe mu ntumbero yo gukora amasaha yose yategekanijwe. Blaise Pascal Misago agategeka abo bigisha kuba hafi y’amashure bakorako, ngo kuko bahubakiwe uburaro. Iciyumviro c’uwo muyobozi kikaba gishigikiwe na Buramatari w’intara ya Muyinga Jean Claude Barutwanayo. Abo bigisha bakamenyesha ko ubuzima buzimvye babayemwo badashoboye kubaka ingo zibiri.
V. Ibitabo vyari vyanyurujwe kw’ishure shingiro ya Burararana ya kabiri yo muri komine Nyabihanga, mu ntara ya Mwaro, haraciye iminsi irenga cumi, vyabonetse kuri uyu wa kane. Abigisha bo kuri iryo shure bakaba batangajwe no kubona Jean Bosco Nduwayezu umwigisha yari yabinyuruje azwi kandi avyiyemerera, atigeze ahanwa. Abigisha bakorana basaba ko yohanwa vy’akarorero.
VI. Haravugwa iduga ry’ibibiciro vy’ibifungugwa mw’ikambi y’impunzi z’abarundi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Kuva mu kiringo c’imisi ibiri, hari ivyaduze ku ncuro zishika zibiri, nk’ibigori n’ibindi. Impunzi zivuga ko icoba carabitumye ari ugukena kw’ivyo bifungurwa kuko atavyemerewe kwinjizwa muri iyo kambi biva hanze, na cane cane ko batemerewe kurenga imetero 200 y’ikambi. Basaba HCR na Leta ya Tanzaniya kureka izo mpunzi zikaja hanze kwisumamwo inyuma y’ikambi, ahandi ho bagiye kwicwa na kigoyi.