Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/02/2023

Publié le 24 février 2023 par Rédaction
I. Inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuri uwu wa kane yaremeje itegeko risaba igihugu c’Uburusiya gukura inteko zabwo mu gihugu ca Ukraine. Ku bihugu vyose vyari vyaserukiwe, 141 vyaremeje iryo tegeko, ibihugu indwi birayihakana, 32 na vyo ntivyagira ico birivuzeko. Uburundi buri muri ivyo bihugu 32 ataco bwarivuzeko. Kubw’urunani CFOR-Arusha ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta, ivyo ngo ntawe vyotangaza kuko ngo igihugu c’Uburusiya cararyamye ku Burundi mu gihe bwari bwafatiwe ibihano n’abanyaburaya, hamwe na leta zunze ubumwe z’amerika kubera ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu n’ivyerekeye intwaro ibereye. Jean Bosco Rwigemera, icegera c’umukuru w’urunani CFOR-Arusha.
II. Ni intambwe kubona uwurongoye umugwi wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi wemera imbere y’inama nshingamateka, amabi akorerwa abanyagihugu. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT-Burundi, ryiyemeje kugwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Agasaba abarongoye uyo mugwi, kurengutsa abagirizwa ivyo vyaha bakisigura, binaniranye bakitura sentare ibijejwe na cane cane bakadomako urutoke uwo wese yagirizwa ayo mabi. Ivyo ACAT-Burundi ibishikirije inyuma yaho umugwi wigenga w’agateka ka zina muntu CNIDH ushikirije icegeranyo c’ivyo wakoze mu mwaka uheze, ku munsi wa gatatu imbere y’inama nshingamateka.
III. Ubukene bw’imbuto zirobanuye n’izitarobanuye z’ibiharage buribonekeza kw’isoko mu ntara ya Makamba mu bumanuko bw’igihugu. Iyo naho habonetse imbuto zitarobanuye ikilo kigurwa amafranga arenga ibihumbi bine.
IV.  Hari umuryango uvuga ko uriko urashaka kunyagwa itongo muri komine ya Buterere mu ntara ya Bujumbura. Mu gihe umwe muri iyo miryango uvuga ko iryo tongo ari kavukire, uwundi wo uvuga ko warihawe n’ubutegetsi bwo ku muhisi Perezida Bagaza. Urubanza ruhuza imiryango ibiri ngo ruracari muri Gasamburamanza. Ariko rero, uwurongoye sentare y’intango ya komine Buterere, yandikiye umukuru wa zone Buterere, amusaba gushira mu ngiro urubanza rwaciwe n’iyo sentare mu mwaka wa 2017, kandi ko iyo sentare yagiye gushira mu ngiro ingingo ya sentare uno musi igenekerezo rya 24 kuno kwezi. Ivyo bikaba vyiyamirizwa n’abavuga ko iryo tongo ari iryo barazwe na ba sekuru, kandi ko ingingo y’umushikiranganji w’ubutungane yo kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2017, ihagarika ishirwa mu ngiro ry’urwo rubanza itaravuguruzwa.

Ibindi bisa n'ibi