Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/03/2023

Publié le 3 mars 2023 par Rédaction
I. Inyuma y’imisi irenga 40 agandaguwe, abegereye umuryango w’umuhisi Aline Inarukundo basaba ko boronswa uburenganzira bwo kumushingura. N’inyuma yaho abo mu muryango w’umugabo wiwe ari na we yagirizwa ko yamugandaguye, basabiye ko atoshingurwa hadakozwe ibipimo vya kugira bamenye icamwishe ivyo bita Autopsie mu gifaransa. Ivyo navyo bikaba ataho bikorerwa mu Burundi. Basaba kandi urwego rw’umuhuza w’abarundi kureka kuremera ubutungane kuri iyo dossier.
II. Nta muntu yarakwiye gufungwa ahorwa gushikiriza ivyiyumviro vyiwe mu gihugu kirimwo demokrasi, n’aho vyoba bihushanye n’ivy’ubutegetsi. Ivyo bishikirizwa n’umupfasoni Apollonie Simbizi asanzwe ari mu nama nshingwabikorwa y’ishirahamwe rihuza abarundi bari mu gihugu ca Canada, ABC-Canada. Ivyo yabishikirije, mu gihe iryo shirahamwe risaba Leta kurekura ubutarariye umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye kuko apfungiwe ubusa.  Floriane Irangabiye akaba yaciriwe urubanza na Sentare nkuru ya Mukaza, rwo gufungwa umunyororo w’imyaka cumi hamwe no kuriha ihadabu y’umuriyoni w’amarundi kw’igenekerezo rya 02 Nzero uno mwaka. Akaba yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu. Ishirahamwe ABC-Canada risaba nyabuna umukuru w’igihugu, gukora ibishoboka mu gukura ibibangamye bituma ubutungane bw’Uburundi butidegemvya, rigasaba amakungu kugondoza Leta y’Uburundi kugira irekure uwo mumenyeshamakuru. Floriane Irangabiye yujuje amezi 6 n’umusi umwe afunzwe.
III. Bulamatari w’intara ya Ruyigi yamenyesheje ko mu gihe impunzi zitotaha n’ingoga zizosanga amatongo yabo yaratwawe n’abasigaye i Burundi. Yabivuze kuri uyu wa gatatu mw’ikambi y’impunzi z’abarundi i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya. Ni mu gihe umugwi w’abategetsi b’abarundi bari muri ico gihugu guhimiriza impunzi gutahuka. Ayo majambo ngo ntahumuriza impunzi kuko bari bazi ko iyo impunzi ishatse gutaha ishikira mu vyayo iba yarashoboye kwironderera itarahunga.
IV. Ubukene bw’isukari bwibonekeza mu ntara ya Muyinga haraheze indwi irenga, burahangayikishije imiryango itari mike, na cane cane iyifise abana bakiri bato bakenera ico kiribwa mu mfunguro zabo. Nk’ukwo bimenyeshwa n’abavyeyi bamwe bavuganye na radiyo Inzamba, mu ma boutique atari make, gusaba isukari ni nk’ugusaba umuzi w’ibuye. Uwugize Imana akayironka, ikiro kimwe kigurwa amafranga 3500.
V. Ifaranga ry’Uburundi ribandanya guta agaciro kw’ifaranga ry’ama dolari. Uko guta agaciro kw’ifaranga ry’Uburundi, bitumwe n’ukwo Uburundi butakironka imfashanyo z’ibihugu vya Bulaya, co kimwe n’ukwo Uburundi ata co bushora hanze kugira buronke amafaranga y’agaciro. Izo ni zo nsiguro zitangwa na André Nikwigize, yanonosoye ibijanye n’ubutunzi. Uyo muhinga avuga ko abadandaza bamwe bamwe bashobora gutangura kugurisha ivyabo mu mahera y’agaciro.
VI. André Nikwigize ahanura leta gushiraho umugwi ukurikirana neza uko amahera y’agaciro abonetse akoreshwa. Iyo leta nyene ikanongereza ibintu ishora hanze kugira ironke amahera y’agaciro.
VII. Abajenama ba komine Nyanza-lac mu ntara ya Makamba, bariyamiriza ingene baterwa ubwoba n’indongozi za komine be n’abarongoye inama mpanuzwajambo ya komine.  Inama y’ejo ku musi wa gatatu ikaba itashoboye kurangira kubera akajagari katejwe n’icegera c’uwurongoye iyo nama mpanuzwajambo, hamwe na musitanteri wa komine Nyanza-lac.
VIII. Imyidogo ni yose mu bakozi b’ishirahamwe ASEC. Abo bakozi bavuga ko bamaze amezi abiri bataronka agashahara kabo bakavuga ko bugarijwe n’ubukene. Basaba umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe kubatunganiriza.

Ibindi bisa n'ibi