I. Mu basirikare b’Uburundi bagiye mu nteko z’akarere ka Afrika y’ubuseruko mu Ntara ya Kivu yo mu buraruko mu gihugu ca Congo, aba mbere bagiye kuri uyu wa gatandatu. Bamwe mu bakiri ku Mudubugu bibonye ku ntonde z’ama bataillons ya 70 na 71 bavuga ko bariko barajuragizwa mu gihe bazi ko bazoja kugarukana amahoro muri Somaliya.
II. Ubusuma muri quartier Gitaramuka, zone Musaga mu gisagara ca Bujumbura bumaze imisi bwimonogoje. Ivyo ngo bikaba biterwa n’uko abapolisi mbere n’abasirikare batagikizura mw’ijoro. Abo basuma ngo bakaba bategera abantu mw’ijoro, bagatera no mu mazu. Umunyagihugu wo muri iyo quartier Gitaramuka arigana ukwo bimeze.
III. Abajejwe intwaro bo bavyamirira kure. Uwurongoye quartier Gitaramuka bita Amuri, radiyo Inzamba imubajije ku butumwa bugufi kuri whatsapp, yatubwiye ko ari ububeshi.
IV. Itoni imwe n’igice (1500 kgs) y’ubutare bwo mu bwoko bwa wolfram bivugwa ko bwagire bushorwe mu mahanga mu kinyegero, bwaraye bufatiwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu ku musozi Randa, muri komine Kabarore n’intara ya Kayanza. Bukaba bwari mu mipfuko 30, umwe umwe ukaba warimwo ibiro 50. Inkuru ziva aho i Kabarore zimenyesha ko ubwo butare bwari bupakiwe mu modoka yo mu bwoko bwa Fuso, ikaba yarimwo abagabo batatu, muri bo, hakabamwo umutama w’imyaka 61. Izo nkuru kandi zikavuga ko iyo modoka yari ivuye mu ntara za Muyinga na Kirundo ari na ho ubwo butare busanzwe bucukurwa. Iyo modoka rero yaciye ifatwa, ikaba iri mu kigo ca komisariya y’igipolisi mu Kayanza, ari naho n’abo bagabo nyene bapfungiwe. Bikavugwa ko bariko bagirirwa ama dosiye kugira vuba bazoshikanwe imbera y’ubutungane. Aho muri Kabarore hakaba hadahengeshanya gufatwa abantu bagira urudandaza rwa magendo rugizwe n’ikawa, ubutare n’ibifungurwa bitandukanye.
V. Abanyagihugu bo mu ntara ya Kayanza barahanzwe n’ikibazo c’ubuzima buzimvye bwibonekeza muri iyi misi. Nk’akarorero, ibijumbu vyahora bizimbutse, igiciro ciyongereye kigwizwa na kabiri kuko vyasubirijwe ibigori vyo mu bwoko bwa Tubura, aho vyahora birimwa mu myonga n’ahandi. Abanyagihugu bo muri iyo ntara baremeza ko ivyo aha nini biva ku bukene bw’aho abanyagihugu barima, hamwe n’abadandaza batubahiriza ibiciro bizwi n’amategeko.
VI. Abategetsi b’Uburundi bakwiye kwihutira gutorera umuti ibituma abarundi bahunga igihugu, hakubiruka inyuma babasanga mu buhungiro baza kubatera ubwoba bw’uko bagiye kunyagwa ivyabo. Bishikirizwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana. Ni mu gihe buramatari w’intara ya Ruyigi yagendeye impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi y’i Nduta iri mu gihugu ca Tanzaniya, ababwira ko abatazohunguka bazosanga amatongo yabo bayahaye abandi. Janvier Bigirimana asaba Leta kureka kwongereza ingorane mu zindi, ikihutira nyabuna gutora umuti wotuma ubutungane bwidegemvya.
VII. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi gishimikira ku ngingo umukuru w’igihugu avuga ko ategekanya gufata, mu ntumbero yo guteza imbere ubutunzi bw’Uburundi.