I. Hari umwigeme w’imyaka 18 azwi kw’izina rya Odette Nshimirimana, wo ku musozi Gishubi, komine Muruta mu ntara ya Kayanza, apfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi kuva kuri uwu wa mbere. Hakaba ari inyuma y’aho ku musi wa gatanu w’indwi iheze, bimenyekaniye ko yavyaye umwana akamuta mu kazu ka surwumwe. Ico kibondo cahavuye gikurwa muri ico kinogo hanyuma gifubanwa iteka. Uwo mwigeme akaba atigeze avuga icatumye yikora mu nda. Abajejwe intwaro aho muri komine ya Muruta bagasaba urwaruka kwirinda ubuhumbu, ngo bishitse na ho bagatwara inda, bagahamagarirwa kutica abo bibarutse kuko bo ata na kimwe baba bariko barazira.
II. Inyuma y’imisi 47 agandaguwe, umukenyezi Aline Inarukundo yashinguwe kuri uyu wa kabiri mw’itongo ry’abapfuye ryo ku Mpanda. Inkuka y’imisa yo gusabira uwo muhisi ikaba yabereye kuri site mémorial aho ku Mapnda nyene. Umugabo wiwe yarasanzwe mw’ibohero yagirizwa kumugandagura yaronse uruhusha rwo kuja kumushingura.
III. Leta y’Uburundi ikwiye kurekura abakenyezi bari mw’ibohero bafunzwe ataco bazira, ku munsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi uhimbazwa ukwo umwaka utashe kw’igenekerezo rya 08 Ntwarante. Ivyo bishikirizwa n’umushakashatsi mw’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi IDHB, Carina Tertsakian. Agasaba ko Leta yorekura abaharanira agateka ka zina muntu uko ari batanu baheruka gufungwa, hamwe n’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye kuko bahorwa umwuga wabo wo guharanira agateka ka zina muntu.
IV. Umugwi CVR ujejewe kumenya ukuri no kurekuriranira, wamenyesheje ko ugiye kwinjira mu gice co kwumviriza ku mugaragaro abantu bemeye kuvuga ivyo babonye mu bwicanyi bwa 1972 na 1973 mu gihugu; ico bise audience publique. Vyashikirijwe kuri uyu wa kabiri na Pierre Claver Ndayicariye arongoye uwo mugwi, aho yari yagiye gusangira ikawa n’abamenyeshamakuru Café de Presse mu gifaransa. Pierre Claver Ndayishimiye akaba yamenyesheje ko ivyo ari mu ntumbero yo kugira ukuri kumenyekane. Kwumvirizwa kwa mbere (audience) kukaba kuzotangurira mu ntara ya Ruyigi.
V. Abaguzi baba ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga baridogera musitanteri wa komine Muyinga, Amédée Misago, ko yafashe intumbero yobicisha inzara. Ivyo babivuga kubera yafashe ingingo yo kubuza abarimyi be n’abadandaza b’imfungurwa bibisi, nk’ibitoke, ibijumbu, imyumbati, amateke be n’ivyamwa ko bishorwa mw’isoko ya Muyinga. Iyo miryango igasaba uwo mutegetsi gutegura ikibanza mw’isoko nkuru ya Muyinga codandarizwamwo ivyo biribwa aho kuvyirukana.
VI. Abakozi b’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana Microfinance DUKUZE barasaba gusubizwa ku mishahara yabo bagabanuwe kugera ku bice 23% bivuye ku butunzi butari bwifashe neza. Bamenyesha ko ubuyobozi bwarengeje igihe bari bumvikanye c’ukuba babasubije kuri iyo mishahara. Ubuyobozi buvuga ko buzi ico kibazo, kandi bariko baragerageza kugira basubize abo bakozi ku mishahara yabo, bisunze ingene ishirahamwe ririko rirasubira gutoha.
VII. Ishirahamwe PARCEM rihamagarira abarundi guhindura ingendo, kuri uno wa kabiri ryatanguje umugambi mushasha uzomara imyaka cumi wo guhimiriza abanyagihugu n’abategetsi ku bijanye no kurwanya igiturire cimonogoje mu Burundi. Faustin Ndikumana arongoye PARCEM avuga ko uyo mugambi uzofasha Leta kuyereka inzira zirashe zo kurwanya igiturire, kugira ako karanda karanduranwe n’imizi mu gihugu.