I. Igenekerezo rya 8 Ntwarante ni umusi wahariwe agateka k’umukenyezi kw’isi. Icivugo c’uno mwaka kikaba ari ico guha amahirwe bose ku buhinga bwa none. Ariko rero umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi babona ko umukenyezi akiri inyuma cane muri ico gisata. Jeanne d’Arc Zaninyana arongoye uwo muhari MFFPS, ahamagarira leta gufata iya mbere kugira umukenyezi aronswe uburyo bwo kwiteza imbere abicishije mu buhinga bwa none.
II. Ubutumwa bwatanzwe mw’ikambi y’impunzi z’abarundi y’i Nyarugusu muri Tanzaniya bwari ubwo guhamagarira abakenyezi kugwanya imibonano mpuzabitsina bikorwa n’ababisangiye, ivyo bita homosexualité mu gifaransa. Ubwo butumwa bwashikirijwe n’uwurongoye iyo kambi Siyasa Manjanja aho yagabisha impunzi ko abazokwagirwa n’ico caha, bazoca birukanwa mw’ikambi y’impunzi. Iyo kambi y’impunzi ya Nyarugusu irimwo abarundi bagera ku bihumbi 130 (130.000) nk’ukwo vyashikirijwe n’uwo arongoye iyo kambi.
III. Umusore w’imyaka 27 aturuka muri komine Muyinga ni muri iyo ntara nyene yaratowe ikiziga muri komine Nyengezi, mu ntara ya Mwanza mu gihugu ca Tanzaniya, hari kuri uno wakabiri. Uyo musore yari yagiye gupagasa muri Tanzaniya.
IV. Ugupfungwa imyaka iri hagati y’indwi na cumi n’ukuriha ihadabu riri hagati y’amafranga imiriyoni cumi na zitanu na mirongo ibiri, ni vyo bihano sentare nkuru y’igihugu ya Kayanza yaraye iciriye ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, abagabo batatu, ku caha c’ukudandaza ubutare batabifitiye uruhusha, kandi mu nzira za magendo. Ibiro 2241 vy’ubutare bwose bwari bwafashwe, umuduga wakoreshejwe mu kwunguruza ubwo butare, n’amafranga bafatanywe vyose bikaba vyaciye bishirwa mu minwe ya leta.
V. Uwahora arongoye komine Muhuta mu Ntara ya Rumonge yaraye ahagaritswe mu mabanga yo kurongora iyo komine. Bimwe mu vyo yagirizwa harimwo ubusuma bw’ibikoresho vyari bigenewe kwubaka amashure. Abanyagihugu bagasaba ko atokurwa gusa ahubwo akurikiranwe mu butungane ku vyo yagirizwa.
VI. Ubusuma bwo mu mazu buba ku mitumba ya Mukoni na Kibogoye mu gice c’umugwa mukuru wa komine n’intara ya Muyinga, burateye amakenga imiryango idasiba gusahurwa ibikoresho bitandukanye vyo mu nzu nk’ amaterevisiyo, imatelas, ivyambarwa n’ibindi. Iyo miryango igasaba abarongoye intwaro muri komine Muyinga hamwe n’abajejwe igipolisi gufata ingingo zibereye, kugira ngo ubwo bugizi bwa nabi buhagarare.