I. Icuka si ciza mw’ishengero Pentecôte misiyoni ya Kayogoro iri muri komine Mabanda intara ya Makamba. Pasteur Migwire Zacharie aheruka kwirukanwa aratabaza avuga ko ubuzima bwiwe buri mu kaga, bivuye ku mwungere wa mbere Esron Nizigama arongoye misiyoni ya Kayogoro. Amakuru dukura muri iyo komine, amenyesha ko Pasteur Migwire Zacharie yandikiye buramatari w’iyo ntara kw’igenekerezo rya 03 Ntwarante uno mwaka, amumenyesha ko umutekano wiwe ubangamiwe kuko yashize ahabona ubusuma umwungere wa mbere Esron Nizigama akora. Ivyo bikaba vyatumye havuka icuka kibi muri iryo shengero, aho hagiye haribonekeza ikurwa mu mabanga ya bamwe mu ba pasteurs bagize iryo shengero. Abajejwe intwaro muri iyo komine ya Mabanda bakamenyesha ko umwungere wa mbere Esron Nizigama ariko arateza uruhagarara kuri uwo mutumba.
II. Gutanga amasoko atubahirije amategeko ku mvo z’ibiturire, ukunyuruza amatungo yagenewe amwe mu mavuriro ya district y’ubuvuzi ya Mpanda, ni bimwe mu vyagirizwa muganga Victor Hakizimana ajejwe ako karere k’ubuvuzi. Amakuru dukura muri bamwe mu bakozi bo muri ico gisata muri ako karere, yemeza ko ari ubusuma buzingamitse amavuriro y’ako karere, ubusuma bukorwa mu mice itandukanye.
III. Bamwe mu banyagihugu bateshejwe izabo biturutse ku mazi ya Tanganyika mu ntara ya Rumonge baridoga. Bavuga ko n’ubwo bubakiwe amazu, hari abataronse, ariko bakababazwa n’uko izo nzu zimwe zimwe zahawe bamwe mu batatwarishije amazu hamwe n’abari mu ntwaro batigeze bagira ibibazo na bimwe. Bagasaba gutunganirizwa.
IV. Ibikorwa ry’umugwi ujejwe kumenya ukuri n’ukunywanisha abarundi bibandanya gusamaza abarundi bari biteze ko umunsi umwe bazomenya ukuri ku ndyane zahekuye Uburundi. Bivugwa n’umukuru w’umugambwe UPD Zigamibanga, inyuma yaho uwurongoye umugwi CVR amenyeshereje ko hagiye gushirwaho aba commissaires batatu badasangiye ubwoko, bazofasha mu kumviriza ku mugaragaro abarundi bafise ico bazi ku bwicanyi bwo mu myaka ya 72 n’iyindi. Kubwa Chauvineau Mugwengezo, uwo mugwi uriho kugira ube urakoresha mu migambi yawo amafranga y’abanyagihugu, na yo ukuri nyakwo ntikuzopfa kumenyekanye.
V. Abasavye impapuro z’inzira barenga ibihumbi 11 bagiye kuzironswa vuba. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Ninteretse, kuri uno wa kane, mu gihe yari yaramutse agendera ikigo kijejwe imbibe ari na co gikora izo mpapuro (PAFE), aho avuga ko yasanze abakozi bariko barakora izo mpapuro.