Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 10/03/2023

Publié le 10 mars 2023 par Rédaction
I. Abategetsi b’Uburundi bakwiye guhagarika itotezwa rikorerwa abaharanira agateka ka zina muntu. Biri mu rwandiko rwasohowe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 09 kuno kwezi, rukaba rwashizwe ahabona n’ikigo giharanira agateka ka zina muntu « Centre RAOUL WALLENBERG pour les droits de la personne ». Ico kigo kikavuga ko kuva President Evariste Ndayishimiye afata ubutegetsi mu mwaka wa 2020 ata gahengwe kigeze kaboneka mu baharanira agateka ka muntu, kuko bagumye bahohoterwa.
II. Akandi kamo n’ak’ishirahamwe mpuzamakungu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ACAT-France, ritera akamo abategetsi b’Uburundi kurekura ata gisabwe umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye. Ako kamo tugasanga mw’ikete iryo shirahamwe ryarungikiye umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu. Kubwa Clément Boursin aserukira ACAT-France ku mugabane wa Afrika, ipfungwa rya Floriane Irangabiye co kimwe n’iry’abaharanira agateka ka zina muntu baherutse gufatwa, riza kubandanya ricafuza isura y’Uburundi.
III. Abanyagihugu bo mu ma zone ya Kanyosha, Ruziba na Kinindo mu gisagara ca Bujumbura bamaze igihe bariko baratozwa intererano y’amafranga, ava ku 2000 gushika ku bihumbi 10 (10.000) vy’amarundi yo kwubaka ikibuga c’umupira w’amaguru Intwari. Ivyo biri mu matohoza yakozwe n’urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike mu Burundi FORSC. Ernest Nkurunziza, umunyamabanga nshingwabikorwa w’urwo runani, asigura ko iyo ntererano bakwa n’abajejwe intwaro bafadikanije n’umugambwe CNDD-FDD, ata reçu bahabwa. Akavuga ko biboneka ko ari amahera aja mu mifuko yabo.
IV. Iduga ry’ibiciro ku bifungurwa bitandukanye ku rugero ruteye ubwoba mu masoko nka yose y’intara ya Muyinga, rirateye impungenge n’amakenga imiryango iba muri iyo ntara. Ivyo biciro bikaba vyirwije incuro 2 canke 3 ku biribwa nka vyose, nk’ukwo abasumyi bamwe bamwe babimenyesheje radiyo Inzamba. Abo basumyi bemeza ko imiryango myinshi isigaye ifungura rimwe gusa, naho nyene iyo vyabonetse. Bagasaba leta gufata ingingo zose zishoboka kugira ibiciro vy’imfungurwa bigabanuke.
V. Imyidogo ni yose mu banyagihugu mu ntara ya Kirundo. Iyo myidogo ikaba ifatiye kw’ikena ry’isukari aho ikiro cahora ku mafranga 2500, ubu kigurwa amafranga 3500.
VI. Abanyagihugu baba mu ma quartiers atatu yo ku mugwa mukuru w’intara ya Makamba bamaze ikiringo c’indwi zitatu bari mu kizime, kubera icuma gihingura umuyagankuba bita transformateur capfuye. Abahakorera imirimo itandukanye bakavuga ko bari mu bukene bukomeye, kuko bari batunzwe no gukora ibikorwa bisaba umuyagankuba. Bagasaba ishirahamwe REGIDESO risanzwe ritanga umuyagankuba, gutorera inyishu ico kibazo.

Ibindi bisa n'ibi