Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/03/2023

Publié le 11 mars 2023 par Rédaction
I. Hari ikiziga c’umuntu w’umugabo catowe ku mutumba Mutambara muri komine n’intara ya Rumonge, mu gitondo c’uwu wa gatandatu. Amakuru ava aho kuri uwo mutumba, avuga ko uwishwe yari uwo kuri uwo mutumba, akaba yahora akora akazi k’ubuyangayanga bw’inyama z’ingurube. Abamubonye bakavuga ko uwo avuka mu ntara ya Gitega yoba yakubiswe ikintu mu mutwe. Gushika ku mutaga w’uwu wa gatandatu, ikiziga ciwe cari kikiri mu buruhukiro bw’ ibitaro vya Rumonge. Abanyagihugu bakaba basaba ko amatohoza yokorwa, ukuri ku rupfu rw’ uwo mugabo kukamenyekana.
II. Abanyagihugu bo ku mitumba ya Bisiga, Giteranyi, Shoza, Mugano na Gasenyi muri komine Giteranyi, mu ntara ya Muyinga, basaba abajejwe intwaro kubashikira imbere bakabasabira imfashanyo na cane cane z’imfungurwa be n’imbuto z’ibiharage, ibikotikoti vy’imyumbati n’izindi mbuto. Ivyo babisavye inyuma y’uko haguye imvura nyinshi ivanze n’urubura be n’umuyaga mwinshi ku musi wa kane w’indwi iheze, ikonona imirima myinshi kuri iyo mitumba.
III. Ubukene bw’igitoro co mu bwoko bwa essence burabandanya kwibonekeza mu ntara ya Rumonge. Ni mu gihe haheze indwi zirenga zibiri ata n’ima ry’igitoro ryibonekeza muri iyo ntara. Amakuru dukura muri iyo ntara amenyesha ko iryo kena ry’igitoro rituma hibonekeza ingaruka mbi zitari nke, haba kw’iduzwa ry’ibiciro vy’ibidandazwa n’ivyo kwiyunguruza. Abanyagihugu bo muri iyo ntara bagasaba leta gutorera umuti ico kibazo kuko ubuzima butera buzimba.
IV. Imyidogo ni yose mu banyagihugu bo mu ma zone ya Mivo na Mugomera muri komine n’intara ya Ngozi, ni mu buraruko bw’igihugu. Iyo myidogo ikaba ituruka kw’icikagurika  ry’umuyagankuba rimaze iminsi ryibonekeza, rikaba rituma ibikorwa bitari bike bihagarara.
V. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi gishimikira kw’itegeko abakozi ba leta bahawe n’umukuru w’igihugu, ryo kugira amasengesho rusangi y’iminota 30 imisi yose imbere yo gutangura imirimo.

Ibindi bisa n'ibi