I. Umwana umwe yitavye Imana, abandi 2 barakomereka bose mu muryango umwe, bakubiswe n’inkuba ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere ku mutumba Munyinya, komine Butihinda mu ntara ya Muyinga, nk’ukwo amakuru ava mu ntwaro aho i Munyinya avyemeza. Abo bana 2 bakomeretse bakaba baciye banyarukanwa kwa muganga, kw’ivuriro ritoyi ryo muri zone Kiremba ya komine Gasorwe, ihana urubibe n’umutumba wa Munyinya. Ubuzima bw’abo bana 2 ngo bukaba butabangamiwe cane, nk’ukwo ayo makuru avyemeza. Iryo sanganya rikaba ryabaye mu mvura yaguye irimwo imituragaro myinshi, nk’ukwo isoko ryacu ribandanya ribimenyesha.
II. Umutware mwiza ni uwutunganiriza abo arongoye, akirinda kurya ibiturire. Vyashikirijwe na Agathon Rwasa kuri uyu w’Imana, mu birori vyo guhimbaza isabukuru y’imyaka 4 umugambwe CNL wemerewe gukorera ku mugaragaro. Ku bw’uwo munyepolitike, ntivyumvikana ingene igisagara ca Bujumbura gishobora kubura amazi n’amatara, ama tagisi n’amakori atangwa buri gihe.
III. Agathon Rwasa arababazwa kandi n’ukuntu umugambwe wiwe ubandanya gutotezwa. Ivyo akabivuga afatiye ku kungene ishirahamwe Afritextile ryanse gukora ibitenge vy’abanywanyi biwe, kandi vyari vyarishwe amahera. Avuga ko ikumira ataho rishikana igihugu, atari uko cama mu ndyane.
IV. Ba buramatari bategerezwa kuza barafasha mu kwumviriza bakagisha inama abanyagihugu bipfuza kwitura ubutungane, gutyo imanza zigende zigabanuka mu gisata c’ubutungane. Vyashikirijwe ku wa gatandatu uheze n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, mu gihe abakozi bo mu bushikiranganji bw’ubutungane bariko bamwipfuriza umwaka mushasha. Ngo kenshi hari abanyagihugu bashingisha urubanza kandi bigaragara ko bazotsindwa.
V. Umushingwamanza Vital Nshimirimana yanonosoye amategeko asigura ko umukuru w’igihugu ariko arahuvya abanyagihugu, kuko abo batware ariko aha ububasha bwo guca imanza kandi bafise ayandi mabanga. Ku bwiwe, ico gikorwa co guca imanza gikorwa n’abacamanza bavyigiye, bagasoma amategeko bize mu guca urubanza.
VI. Hari umukenyezi w’imyaka 27 wo mu gisagara ca Kayanza, mu gace benshi bita Mu rya Bwandimari, kuva kuri uwu w’Imana ari mu minwe y’inyamiramabi. Yagirizwa kuba mu gaturuturu ko kuri uwu w’Imana nyene yaravyaye umwana aca aramuniga. Nk’uko bishikirizwa n’abo bavukana basanzwe babana mu nzu imwe, ngo bumvise umwana arira, bagiye kuraba basanga ni uruyoya rwari mw’i bassin yuzuye amazi, bikaboneka ko yari afise ibimenyetso vy’uko yari yariwe inzara mw’izosi. Ni ho ico kibondo canyarukanwa kwa muganga ariko ngo yahavuye yitaba Imana. Uwo mugore bikavugwa ko asanzwe afise abana batatu. Tubamenyeshe ko mu kiringo c’indwi zibiri gusa, urwo ruyoya rubaye urugira gatatu rwishwe n’uwari ahejeje kurwibaruka. Uwuheruka akaba yari uwo ku musozi Gishubi, komine Butaganzwa n’intara ya Kayanza, yataye mu kazu ka surwumwe kw’igenekerezo rya 6 Ntwarante nyene, uwo yari ahejeje kwibaruka.
VII. Imyidogo ni myinshi mu bagendesha amapikipiki yunguruza abantu mu ma komine ya Vugizo na Nyanza-lac mu ntara ya Makamba. Aho n’inyuma yaho mu mpera z’indwi twaraye dusozereye, igipolisi cagize uruhigi kuri ayo mapikipiki, maze izafashwe zirekurwa zitanze ihadabu iri hagati y’ibihumbi 50 n’ibihumbi 100 ata n’igitansi bahawe. Ivyo bakabibonamwo ubusuma bwinyegeje inyuma y’ico gikorwa c’igipolisi.
VIII. Abanywanyi b’ishiramwe REGIDESO bo mu ntara ya Muyinga baridogera iryo shirahamwe bakavuga ko batakironka amatara ku rugero rukwiye, rutuma bikenura canke babaho neza. Bakidogera kandi no ku bijanye n’amazi atangwa n’iryo shirahamwe, aho hari igice kinini ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga bataronka amazi. Abo banywanyi ba REGIDESO bagasaba ko iryo shirahamwe ryofata ingingo zishoboka zose kugira ibintu bisubire mu buryo.
IX. Mu makuru y’inkino, umurundikazi Signoline Kanyamuneza mu nkino za Judo ku mugabane wa Afrika zabereye i Tunis muri Tuniziya ku munsi wa gatandatu yatahukanye umudari w’umujumbu, abaye uwa gatatu. Mu mupira w’amaguru, inkino zigeze ku ndwi igira 23 y’ihiganwa Primus League, n’ubu umugwi wa Bumamuru ni wo ukiri kw’isonga.