I. Umukenyezi yaba mu gacimbiri Tanga, umutumba Mugano, muri komine Giteranyi, mu ntara ya Muyinga ari mu minwe y’inyamiramabi muri komisariya ya komine Giteranyi guhera ejo ku wa kabiri ku muhingamo. Akaba yagirizwa guhakwa kwikora mu nda, nk’ukwo amakuru ava aho i Mugano avyemeza. Bizimungu Mariamu akaba yagirizwa ko yataye umwana wiwe mu kazu ka surwumwe, ariko Imana yarakinze uwo mwana ababanyi b’uwo muvyeyi yagira yihekure, bakaba baramurokoye baramukurayo agihema, aho yaciye ajanwa kwa muganga. Bizimana Mariamu akaba yahavuye afatwa ashirwa mu ntoke z’inyamiramabi, nk’ukwo ayo makuru abandanya avyemeza. Uwo mukenyezi akaba yaramaze kuvyara abana 4 ku bagabo batandukanye.
II. Hari umwigisha apfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi c’intara ya Rumonge. Yagirizwa gukubita umwana yigisha, gushika aho araba. Abavyeyi b’uwo mwana ubu ari mu bitaro, bakaba basaba ko uwo mwigisha yohanwa.
III. Abanyororo bakitswe n’amagara bo mw’ibohero rikuru rya Bubanza baba bifuza kuja kwivuriza hanze y’ibohero, ntibakironswa uruhusha rwo kuja kwa muganga. Iyo ngingo ikaba yafashwe n’uwurongoye igisata c’imibano muri iryo bohero, inyuma yaho hari umunyororo yatorotse kw’igenekerezo ya 27 Ruhuhuma yari yagiye kwa muganga. Ishirahamwe ACAT-Burundi rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ribona ko kwankira umunyororo akitswe n’amagara kuja kwivuza ari ihonyangwa ry’agateka k’umurwayi. Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT-Burundi asaba ubuyobozi bukuru bujejwe amabohero, gukurikiranira hafi ico kibazo.
IV. Umushikirizamanza mukuru wa republika mu ntara ya Rutana Leonidas Niyungeko yarahagaritswe mu mabanga y’umushikirizamanza kizigenza mu ntara ya Rutana. Yahagaritswe n’ikete ry’umushikiranganji w’ubutungane mu kiringo c’amezi atatu kugira hakorwe amatohoza ku vyo yagirizwa, bijanye no kudatabara umudandaza yaborejwe igufa n’uwahora atwara iperereza muri iyo ntara. Buramatari w’iyo ntara ya Rutana, Olivier Nibitanga, na we nyene akaba atungwa agatoke muri ubwo bubisha.
V. Abasirikare bo mu ntara ya kabiri ya gisirikare bita division, baridoga ko bataronswa ibifungurwa bikwiye nk’uko vyategerezwa. Bavuga ko bamaze igihe baronswa ibiharage bidashobora gukwiza ukwezi, n’umuceri bikaba nk’uko nyene. Basaba abarongoye division ya kabiri kubaronsa ivyo bafungura, kuko ngo badafise ukundi bagira na rirya umushahara baronswa usanzwe ubayabaye.
VI. Ishirahamwe PARCEM rihamagarira abarundi guhindura ingendo, rifise icizere y’uko ibibazo vy’Uburundi bishobora gutorerwa umuti, habayemwo ugushaka kw’abategetsi. N’inyuma y’umubonano n’umushikirangaji wa mbere Gervais Ndirakobuca kuri uyu wa kabiri. Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe, amenyesha ko yakiriwe neza n’uyo mutegetsi baraca irya n’ino ibibazo bihanze igihugu, cane cane ibiturire, isesagurwa ry’amatungo ya leta, hamwe rero n’ifaranga ry’Uburundi ribandanya rita agaciro.
VII. Umusore yitwa Kelly Iradukunda, umurundi w’impuzi yari yahungiye mu gihugu ca Ouganda yaratowe ikiziga mu mpera y’indwi iheze, inyuma yo kwicwa n’abantu bataramenyekana. Ayo makuru yemezwa n’uwuserukira izo mpunzi muri ico gihugu avuga ko uwo musore yiciwe ahitwa Jinja, mu gihe yari yagiye kwisumamwo. Damien Nyabenda avuga kandi ko umutekano w’impunzi z’abarundi bari aho muri Ouganda atako wifashe, kuko bamaze kubura abantu batatu mu kiringo kitarenze ukwezi kumwe gusa, abantu bicwa mu buryo budaheza ngo bumenyekane.
VIII. Uwo aserukira impunzi z’abarundi aho muri Ouganda, Damien Nyabenda, asaba leta y’ico gihugu gukora amatohoza kuri ubwo bwicanyi buriko buhitana bamwe mu mpunzi z’abarundi.