Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/03/2023

Publié le 24 mars 2023 par Rédaction
I. Mu gicugu c’uwa gatatu ushira uwa kane, niho ibiziga birenga cumi vy’abasirikare n’abakomeretse bashika 8 mu ntambara zabereye mu gihugu ca Congo mu mpera z’indwi iheze, ahitwa Kalundu mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko, vyashikanwa i Bujumbura. Abasirikare baja gutahukana ivyo biziga n’abakomeretse basaba leta ko hokoreshwa indege, kuko kumara imisi ine bareruye abakomeretse, bagenda n’amaguru, bituma basinzikara canke bakahasiga ubuzima.
II. Abantu babiri bo ku mutumba Buheka uri muri komine Nyanza-lac, bahagaritswe ku mugoroba wo ku musi wa gatatu. Amakuru dukura muri iyo komine amenyesha ko, bose ari abakozi bo kw’ivuriro rya Buheka. Umwe akaba yahagaritswe n’urwaruka rw’imbonerakure rwo kuri uwo mutumba, uwugira kabiri ahagarikwa n’uwurongoye umutumba Buheka. Abanyagihugu bariyamiriza inyifato y’uwo mukuru w’umutumba hamwe n’urwo rwaruka rw’imbonerakure, kuko ata bubasha bafise bwo guhagarika abantu.
III. Hari abigisha babiri bo mu buyobozi bw’indero bwa komine Ngozi na Tangara mu ntara y’indero ya Ngozi, bari mu minwe y’inyamiramabi kuva ku musi wa kabiri, biturutse ku mvo z’ugushurashuza abigeme bigisha. Amashirahamwe aharanira agateka k’abakenyezi n’ak’abana bakaba biyamiriza iyo ngendo y’abigisha bagoba izo baragiye. Bagasaba ubutungane kuza burahana abo bashurashuza urwaruka rw’abigeme, hisunzwe amategeko.
IV. Igenekerezo rya 24 Ntwarante, isi yose irahimbaza umunsi wahariwe uburenganzira bwo kuvugisha ukuri mu kudomako urutoki ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, no kubahiriza abahohotewe.  Kubw’urunani CAVIB rw’abashingwamanza baburanira imiryango y’abakorewe amabi akurikiranwa n’ama sentare mpuzamakungu, uwu munsi ushitse mu Burundi hagikorwa amabi atandukanye ahonyanga agateka ka muntu, bikozwe n’inzego za leta. Umushingwamanza Gustave Niyonzima arongoye CAVIB, arababazwa n’abategetsi, uhereye ku mukuru w’igihugu, badasiba kwemerera abarundi guhindura ibintu mu bijanye n’agateka ka muntu, ariko bigaherera mu majambo. Arahumuriza abakorewe amabi n’imiryango yabo ko ababakoreye amabi bazobihanirwa, agahamagarira abarundi kubandanya bashira ahabona amabi yose akorwa mu gihugu.
V. Umunyororo wo gufungwa ubuzima bwabo bwose no kuriha indishi y’akababaro ku muryango wagandaguriwe ikibondo, ni co gihano sentare nkuru y’igihugu y’i Muyinga yahanishije ku musi wa kane, mu ntahe yayo y’ikibiriraho umugabo n’umukenyezi wiwe bagiriwe n’icaha co kugandagura umwana w’umwigeme w’imyaka 13 ku mutumba Bwisha, komine Gashoho, mu ntara ya Muyinga, nk’ukwo amakuru ava muri iyo sentare avyemeza. Umushikirizamanza wa Republika mu ntara ya Muyinga yari yashengeje, Yohani Bamvuginyumvira na Annonciate Niyondavyi, umugabo n’umugore bubakanye bafatanije icaha co kundagura ku muhingamo wo ku wa mbere w’ino ndwi, umwana w’umwigeme w’imyaka 13 bamusanze aho yariko yahira ubwatsi mw’itongo ryabo. Bakaba bamugandaguye bamukereje inajoro (faucille) yariko aracisha ubwatsi, banamucumita mu rubavu. Ikiziga c’uwo mwana kikaba catowe mu gatondo ko ku wa kabiri. Abagirizwa bakaba batahakanye icaha. Sentare ikaba yaciye ihanisha uwo mugabo n’umugore wiwe umunyororo wo guherayo n’indishi y’akababaro y’imiliyoni 20.
VI. Indwara ya Marburg iragoye cane gupima, hatabaye kumera magabo ishobora no gushika mu Burundi. Uko niko bisigurwa n’umuhinga mu ndwara z’ibiza, Come Konakuze, inyuma yaho iyo ndwara yibonekeje hakurya mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Ibimenyetso vy’iyo ndwara bitangura bisa n’izindi ndwara zisanzweho ariko bigatera vyunyuka uko haca imisi mike. Insiguro z’umuhinga Come Konakuze.
VII. Ni indwara iri ku nkegera y’Uburundi, ariko hashobora kuba kuzitira, nk’ukwo uyo muhinga yanonosoye ivy’izo ndwara ziyadukiza, abisigura. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ngo bukwiye guca bwihutira gukora akazi kabwo, bukoranye n’abajejwe intwaro be n’abanyagihugu, kugira birinde iyo ndwara ya Marburg ifata nk’ikiza.
VIII. Imyidogo ni yose mu banyagihugu bo mu ntara ya Kayanza. Imvo batanga akaba ari iduzwa ry’ibiciro vy’ibifungurwa vya nkenerwa ku masoko, aho bavuga ko hamwe ata cokorwa imiryango izokwicwa n’inzara. Basaba Leta gukura amatagisi n’amakori ku bifungurwa bimwe bimwe.
IX. Bamwe mu bakoresha igitoro na cane cane co mu bwoko bwa essence mu ntara ya Muyinga, baridogera muri iyi misi abajejwe intwaro n’abarongoye urwego rw’igipolisi, ko ataco bariko barafasha mu gusabikanya igitoro co mu bwoko bwa essence kiboneka rimwe na rimwe. Bagasaba abajejwe intwaro n’abarongoye igipolisi gutuza abagira urudandazwa rwa magendo rw’igitoro, kuko ari bo batuma na gike kiboneka kitamara umwanya.
X. Iryo jwi mwumva n’iry’umuririmvyi w’umurundi Saidi Brazza. Yaraye yitavye Imana mw’ijoro ryakeye, ahitanywe n’indwara muri bimwe mu bitaro biri mu ntara ya Ngozi. Saidi Brazza akaba yavutse mu mwaka wa 1974 i Rusuguti muri iyo ntara nyene ya Ngozi. Akaba yaramenyekanye ku ndirimbo ziwe zo mu mudiho wa reggae nka “Yameze amenyo, “Twiganirira”, na “Burikukiye” yaririmvye ahayagiza intsinzi y’ukwikukira kw’igihugu c’Uburundi. Umuziki wiwe ukaba waramenyekanye mu bihugu bigize Afrika y’ubuseruko. Akaba ashengeye asize abana batatu. Uruganda rwa radiyo Inzamba rukaba ruhojeje umuryango asize, hamwe n’umuryango w’abaririmvyi mu Burundi.

Ibindi bisa n'ibi