Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 30/03/2023

Publié le 30 mars 2023 par Rédaction
I. Urubanza rw’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye rwabaye kuri uyu wa kane, imbere y’abacamanza ba sentare isubiramwo imanza ya Muha, yari yiyunguruje gushika mw’ibohero rikuru rya Muyinga ahabereye urwo rubanza. Ababuranira Irangabiye baronse akanya keza ko kwerekana utunenge tw’urubanza rwaciwe na sentare nkuru ya Muha. Barasubira kandi barerekana amategeko yahonyanzwe mu bijanye n’ingene imanza ziburanishwa na sentare ya mbere. Urubanza rwahavuye rushirwa mu mwiherero, rukazosomwa mu misi 30.
II. Imyidogo ni yose mu banyagihugu bo ku mutumba Mugoboka muri karitiye ya Mutanga Sud, ni muri zone Rohero, komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura. Imvo ikaba ari ukwo abantu batatu bacumise umushoferi agendesha taxi gushika ubu bacidegemvya, kandi harasohotse imitahe yo kubafata.
III. Kuva kw’igenekerezo rya mbere Ndamukiza uno mwaka, ishirahamwe PAM ryitaho ibifungurwa kw’isi, rigiye kugabanya indya ryahora riha impunzi kugeza ku bice 50% mu Burundi, kubera imfashanyo ryahora rironswa na ryo, zagabanijwe. Biri mw’itangazo iryo shirahamwe ryashize ahabona kuri uyu wa kane. Ngo bishobora gutera inzara n’icuka kibi hagati y’impuzi ziva muri republika iharanira intwaro rusangi ya Congo ziri mu gihugu n’abarundi ubwabo.
IV. Kuri iri genekerezo rya 30 Ntwarante uko umwaka utashe, amakungu arahimbaza umusi wahariwe kugwanya indwara yihinduranye yo mu mutwe yitwa Trouble bipolaire, mu rurimi rw’igifaransa. Uyu musi ushitse mu gihe mu Burundi abagwayi barenga 3500 bakiriwe mu bitaro bitandukanye vy’abagwayi bo mu mutwe mu mwaka uheze wa 2022. Alain Joseph Hatungimana, arongoye ishirahamwe Psychologues sans vacances, asigura ko bimwe mu bimenyesto vy’iyo ndwara ari ukugira imigambi miremire igoye gushikako. Akavuga ariko ko iyo ndwara ikira mu kudakumira abayigwaye.

Ibindi bisa n'ibi