Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 31/03/2023

Publié le 31 mars 2023 par Rédaction
I. Umugabo w’imyaka 30 yari azwi kw’izina rya Visenti Hasabumutima yaba ku musozi Muhingira, komine Gatara n’intara ya Kayanza yatowe ikiziga mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu. Ico kiziga kikaba cari kiri munsi y’ikiraro kiri ku ruzi Mandasi, rugabura ama komine ya Kayanza na Gatara. Amakuru atangwa n’abajejwe intwaro muri iyo komine akavuga ko uwo mugabo yoba yagize isanganya anyereye ku migongo y’ico kiraro, mu gihe yariko aragerageza kujabuka ngo kuko nta kimenyetso cari ku mubiri cerekana ko yoba yaragiriwe nabi. Abanyagihugu bo muri ako gace bagasaba abajejwe intwaro kwubaka kuri urwo ruzi ikiraro gikomeye mu ntumbero y’ugukingira abo bose basanzwe ari ho baca.
II. Abafise imitahe minini mu bitaro Kira Hospital bandikiye ikete sentare nkuru y’igihugu ya Muha kuri uyu wa kane, batunga urutoke ukuntu ibitaro Kira bisa n’ibiriko birivanga cane mw’itunganywa ry’ivyerekeye ubutungane, mu bijanye na dossier isanzwe iri imbere y’iyo sentare ihuza parquet na Muganga Christophe Sahabo. Ku bw’abo banyamitahe, itunganywa ry’ibitaro Kira ryamye rirangwa n’inama n’ingingo, nta muntu n’umwe yigeze aryifatira. Basaba bashimitse ko iyo dossier numéro RP4437 yofutwa, atari uko ngo bazoca bashingisha urubanza baciye mu nzego zizwi n’amategeko. Umushingwamanza Gustave NIyonzima arasigura ibiri muri iryo kete.
III. Umukuru w’umutumba wa Mutambara muri komine Rumonge mu ntara ya Rumonge, yaraye arekuwe. Gashindi Sylvain yari amaze indwi zibiri apfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi ca Rumonge. Yari apfunzwe kuva kw’igenekerezo rya cumi na gatanu Ntwarante (15/03). Amakuru dukura muri iyo ntara avuga ko hari uwoba yamwitwariye amwagiriza kumutwara umugore, ivyo abanyagihugu bo kuri uwo mutumba biyamiriza. Bakamenyesha ko ari irementanya kuko hari umugambi wo kumusubiriza, kugira ngo hanyagwe itongo rinini riri mu gace ka Kayange kuri uwo mutumba nyene. Buramatari wo mu ntara ya Rumonge akaba yari yamaze no gushiraho uwumusubirira ivy’imfatakibanza.
IV. Abigisha bo ku mashure atandukanye mu ntara ya Makamba bariyamiriza ubusuma bw’ibibazo muri kino gice ca kabiri c’umwaka w’ishure, ibibazo bitorwa n’ubuyobozi bw’indero mu mashure ari mu ma komine atandukanye. Abanyeshure bamwe ngo bakora ibibazo bafise inyishu zavyo, abandi nabo ngo bakora ikibazo mu migwi, bamwe bagakora imbere y’umutaga abandi inyuma.
V. Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 31 Ntwarante ni wo musi ntarengwa watanzwe n’ikigo BBN kugira ubumwanya be n’ibikoresho vya Plastique bizobe vyakuwe mu rudandazwa rukorwa mu Burundi. Iryo sango rishitse ivyo bikoresho bikibarizwa ukuri kwamye mu banyagihugu, be n’abadandaza cane cane amavuta y’amamesa mu gihugu. Iyo nteguro ya leta ntiyigeze ija mu ngiro.
VI. Mu mashirahamwe aharanira gukingira ibidukikije, babona ko kudashira mu ngiro iyo ngingo ata kindi bivako atari itunganywa ribi ry’imigambi ya leta, biterwa n’intwaro itabereye. Bisigurwa na Mamert Sabushimike, akurikiranira hafi ibidukikije. Asaba leta y’Uburundi kwisunga akarorero ka bimwe mu bihugu vya Afrika y’ubuseruko vyashoboye uwo mugambi wo gukura ivyo bikoresho vyonona ibidukikije.
VII. Impunzi z’abarundi ziba mw’ikambi ya Nduta muri Tanzaniya zahinduye amasoko mu mabarabara ari hagati mw’ikambi. Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho leta y’ico gihugu ifatiye ingingo yo kwugara amasoko yose ari muri iyo kambi. Basaba bashimitse leta yico gihugu gusubira kubaronsa ayandi masoko bokoreramwo.

Ibindi bisa n'ibi