Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 01/04/2023

Publié le 1 avril 2023 par Rédaction
I. Abantu bagera kuri cumi na batanu (15) ni bo baraye bapfuye ku mutumba Gafumbegete wo muri komine Mabayi mu ntara ya Cibitoke. Amakuru ava kuri uwo mutumba avuga ko bishwe n’amazi y’uruzi Rugogo yataye inzira, abasanga mu binogo vyimbwamwo ubutare, hari ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu. Abanyagihugu bagasaba leta gutunganya neza ivyo bikorwa, mu ntumbero yo kwirinda impanuka.
II. Imodoka ya gisirikare yagize isanganya inyuma y’umutaga kuri uyu wa gatandatu, ahitwa i Mageyo mu ntara ya Bujumbura. Abasirikare bashika 10 ngo ni bo bakomeretse, muri bo hakaba harimwo intwazangabo ifise ipete rya Capitaine. Abakomeretse bari mu basirikare bacungera ubuzima bw’umukuru w’igihugu bakaba bariko bava mu ntara ya Gitega baja i Bujumbura. Ayandi makuru radiyo Inzamba yaronse akavuga ko hari abasirikare benshi bitavye Imana ariko igitigiri cabo ntikiramenyekana. Abakomeretse bakaba bajanywe ku bitaro vya gisirikare mu Kamenge.
III. Abakozi bo kw’ivuriro rya Maramvya baridogera ipfungwa bavuga ko ari iry’agahotoro rya mugenzi wabo Esco Niyogushima. Azira kuba yashize ahabona inyuruzwa ry’amafranga agera ku miliyoni 9 z’amarundi, vyoba vyakozwe n’uwahoze arongoye iryo vuriro, Christine Nzeyimana. Amakuru ava mu bakozi b’iryo vuriro yemeza ko uwo yagirizwa kunyuruza amafranga, akingiwe ikibaba na buramatari wa Rumonge kugira ukuri ntikumenyekane.
IV. Abantu babiri bakora ku bitaro bikuru vya Rumonge baraye bungururijwe mw’ibohero rikuru rya Rumonge kuri uwu wa gatanu. Ni inyuma y’indwi bari bamaze bapfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi bagirizwa kutitaho umurwayi yahavuye abapfirako. Amakuru ava muri ivyo bitaro akavuga ko ubu hari ingorane y’abaganga, inyuma y’ihagarikwa ry’abo bapfunzwe.
V. Ukuntu urubanza rwa Floriane Irangabiye rwagenze kuri uyu wa kane birahumuriza umuhari INAMAHORO w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Marie Louise Baricako arongoye uwo muhari, avuga ko kubona rwabaye mu mahoro kandi n’ababuranyi bakaronka umwanya ukwiye wo kwerekana ibitagenze neza mu rubanza rwa mbere, bibaha icizere ko sentare y’iyungururizo ya Muha izomurenganura ikamurekura. Akaba abishikirije inyuma yaho ruburanishijwe ku wa kane uheze, mu gihe sentare nkuru ya Muha yari yamuciriye gufungwa imyaka 10 ifatiye ku vyagiriji bidafashe.
VI. Abasirikare b’Uburundi baridoga ko ubuzima buzimvye bubakorako ubwa mbere. Basigura ko imishahara yabo ari intica ntikize, bikaza kwunyurwa n’uko n’ibifungurwa vyandikiwe umusirikare vyagabanijwe. Zimwe mu ngaruka z’ubwo bukene ni ukuntu urwaruka rutagihurumbira kwinjira muri urwo rwego.
VII. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi gishimikira kw’isuzuma ry’ikoreshwa ry’amafranga y’igihugu ririko riraba mu Burundi.

Ibindi bisa n'ibi