I. Ikiziga c’umusore yari azwi kw’izina rya Olivier Niyonsaba catowe kuri uyu wa mbere kw’ibarabara rya Bujumbura-Kayanza, mu gace ko mu gisagara ca Kayanza, aho bita kw’idepo. Uyo muntu yari uwo mu gacimbiri Gisoro, umutumba Musave, uri mu gisagara ca Kayanza nyene. Bikavugwa ko yishwe n’abantu bataramenyekana mu gaturuturu, mu gihe yoba yariko agerageza kwiba ibidandazwa vyari bitwawe n’umuduga w’ikamyo.
II. Abantu 2 baramaze gukomeretswa n’ingona muri komine Nyanza-lac kuva kuri uyu w’Imana. Abo bose bakaba bakomerekeye ku kiyaga Tanganyika bagiye kuroba. Uwa mbere iyo ngona ngo ikaba yamuriye ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana, uwundi mu gitondo c’uyu wa mbere. Ivyo vyabereye mu gacimbiri Kigembezi, ku mutumba Bukeye. Iyo nkuru iremezwa n’abarongoye intwaro n’igipolisi muri komine Nyanza-lac, bakavugako iyo ngona ishobora kuba yaravyaye, abo irya ngo ikaba yoba ibarya mu ntumbero yo gukingira abana bayo. Abarongoye intwaro bakavugako bamaze gufata ingingo zibuza gusubira kuhegera. Abo bakomeretse umwe ku maguro, uwundi kw’izosi no ku kuboko, ariko amagara yabo ngo ntabangamiwe cane. Ubu bariko bavurirwa ku bitaro vya district i Nyanza-lac.
III. Abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD muri komine Giharo intara ya Rutana, bariyamiriza amafranga 10.000 bariko batozwa, yo gusuhuza uwurongoye CNDD-FDD muri komine Giharo Renovat Hakizimana. Aho ngo ama zone ategerezwa gukuranwa mu kuja gusuhuza Renovat Hakizimana, inyuma yaho agiriye isanganya n’ipikipiki.
IV. Indwi iraheze ata kinyobwa ca fanta gihingurwa n’ishirahamwe Brarudi kiboneka mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo bigatuma aho fanta ibonetse igurwa ku giciro kiri hejuru ku yategekanywa n’amategeko. Abadandaza bavuga ko bataramenya ico ubwo bukene buvako, abihereza fanta na bo bakavuga ko bitaborohera kuko baca banywa ubundi bwoko bw’imitobe batipfuza. Baba abadandaza canke abihereza fanta, basaba iryo hinguriro gukora ibishoboka kugira ico kinyobwa kiboneke.
V. Amaritiro arenga 80 y’igitoro co mu bwoko bwa essence ni yo yafashwe, mu gitondo co kuri uyu wa mbere, ku mutumba wa Kinyota muri zone na komine Muyinga. Ni mu gihe hazindutse isakwa kuri uyo mutumba, ryatunganijwe n’abajejwe intwaro n’igipolisi, kubera hari hasanzwe havugwa urudandazwa rwa magendo rw’ibitoro. Abanyagihugu basanzwe bakoresha ico gitoro co mu bwoko bwa essence, bakaba bashimira abarongozi hamwe n’igipolisi bashoboye gufata ico gitoro. Abanyagihugu bakaba basabwa gufashanya n’abajejwe intwaro kugira bashobore kurwanya magendo.
VI. Mu makuru y’inkino, mu mupira w’amaguru football, umugwi wa Kayanza United ni wo mugwi umwe wo mu cicaro ca mbere waraye usezeye inkino z’igikombe c’umukuru w’iguhugu, inyuma yo gutsindwa na Garage express y’i Gitega, umugwi umwe wo mu cicaro ca kabiri uzobandanya inkino z’igice c’umunani gishira ica nyuma. Na yo mu bigeme umugwi Buja Queens ni wo waraye utahukanye ihiganwa ry’abigeme ku rwego rw’igihugu.