Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 06/04/2023

Publié le 6 avril 2023 par Rédaction
I. Umutima w’urukundo no guteza imbere igihugu ni vyo vyaranga umuhisi Président Sipiriyano Ntaryamira, yahoze arongoye Uburundi. Bishikirizwa na Pierre Claver Nahimana arongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU. Ni mu gihe kuri iri genekerezo rya 6 Ndamukiza, Uburundi n’abarundi bibuka imyaka 29 iheze yitavye Imana, biturutse kw’isanganya ry’indege ryabereye mu gihugu c’Urwanda. Amajambo yo kugarukana discipline yavuze yimikwa, yerekana ko yakunda igihugu kuko yayavuze igihugu kiriko kirasha.
II. Ngo naho rero ubutungane butaramenyesha ukuri ku vyabaye, ngo bitebe bitebuke, ukuri kuzoteba kuje ahabona. Pierre Claver Nahimana arongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU.
III. Umuliyoni w’abarundi ba ntaho nikora ni bo bazoronswa imfashanyo muri uyu mwaka 2023. Ivyo biri mu cegeranyo catanzwe na OCHA, ishami rya ONU rijejwe gutabara imbabare. Ico cegeranyo kikavuga ko abari bakeneye imfashanyo yihuta bangana n’umuliyoni n’ibihumbi amajana atanu.
IV. Abantu barenga 60 barapfuye, abigeme bashika 11 bafashwe ku nguvu mu kwezi kwa 3 guheze. Ivyo tubisanga mu cegeranyo c’umuhari Iteka uharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, wasohoye kuri uyu musi wa kane ku mabi yakozwe mu kwezi guheze. Egide Havugiyaremye ajejwe igisata co kumenyesha amakuru muri uwo muhari, avuga ko urwaruka rw’imbonerakure ruri mu bakoze ayo mabi. Bagasaba ko abakoze ayo mabi boshirwa imbere y’ubutungane.
V. Imyidogo ni myinshi ku bagize inama mpanuzwajambo ya komine Bugenyuzi iri mu ntara ya Karusi. Ni mu gihe hari icuka kibi hagati y’abagize iyo nama hamwe na musitanteri w’iyo komine, aho bamwagiriza kunyonora no gusesagura amatungo ya komine, abifashijwemwo n’utugwi tw’abantu biwe yashizeho harimwo n’imbonerakure. Amakuru radiyo Inzamba ikura muri iyo komine, amenyesha ko hari abantu batanguye guhagarikwa bitewe n’ico cuka kibi.
VI. Ngo ibitari bike biramaze gushikwako biciye mu mugambi wo gucandagisha ibibondo kugira hagabanywe impfu, no mu gukinga indwara ya variole hamwe n’ubukangwe. Bishikirizwa n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, mu gihe isi buca ihimbaza kw’igenekerezo rya 7 Ndamukiza, umunsi mpuzamakungu wahariwe amagara y’abantu kw’isi. Kubwa muganga Sylvie Nzeyimana, leta ibicishije mu bushikiranganji arongoye, ibandanya yegereza amavuriro n’abaganga kugira umunyagihugu wese yoroherwe kwivuza.

Ibindi bisa n'ibi