Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 07/04/2023

Publié le 7 avril 2023 par Rédaction
I. Ubusuma bw’ibibazo ni bwo bwaranze igice ca kabiri c’uno mwaka w’amashure muri komine ya Nyanza-Lac y’intara ya Makamba. Ivyo biri mu rwandiko rwanditswe na bamwe mu bigisha bahurikiye muri syndicat y’abarimu, banditse berekana uruhara rw’umuyobozi ajejwe indero muri komine muri ubwo busuma burerwamwo kandi bamwe mu bayobozi b’amashure, abigisha be n’abanyeshure, uhereye ku bana babo bahawe ivyo bibazo vyatunganijwe ku rwego rwa komine.
II. Abantu babiri barahagaritswe n’igiporisi co muri komine Giharo iri mu ntara ya Rutana kw’igenekerezo rya mbere ndamukiza uno mwaka. Amakuru dukura muri iyo ntara amenyesha ko ari umushoferi wa musitanteri wa komine Giharo hamwe n’umu planton wo muri iyo komine, aho bafatanywe ama bidons cumi arimwo igitoro ca essence, imwe imwe ijamwo amaritiro mirongo ibiri. Abanyagihugu bagasaba ko hokorwa amatohoza yimbitse kuko abo bafashwe bemeza ko ico gitoro ari ica komine.
III. Intambara ziriko zibera muri Republika iharanira demokrasi ya Congo zirateye umutima uhagaze abahinga babiri mu bijanye n’agateka ka zina muntu, Adama Dieng na Gorth Avans, bo mw’ishirahamwe Global Center for Responsibility to Protect. Ni mu gihe uku kwezi kwa Ndamukiza kwahariwe gukinga no guhimiriza kurwanya ihonyabwoko ryagiye riba mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi harimwo n’Urwanda. Ivyo biri mu rwandiko abo bahinga babiri basohoye ku bijanye n’ingene umutekano wifashe muri Republika iharanira demokrasi ya Congo.
IV. Kuri iri genekerezo rya 7 Ndamukiza, Urwanda rwibuka imyaka 29 iheze habaye ihonyabwoko mu Rwanda ryakorewe abatutsi. Umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame mw’ijambo yashikirije kuri uyu musi, yavuze ko batazokwigera bihanganira umuntu wese azana amacakubiri mubanyarwanda, hamwe n’umuntu wese ahakana ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu Rwanda.

Ibindi bisa n'ibi