I. Umuryango w’uwitwa Léonce batazira Kadende w’imyaka 45, urasaba ubutungane kuri uwo mugabo wo ku mutumba Bisha, zone Kabuye na komine Rango, mu ntara ya Kayanza, yanyurujwe mw’ijoro ryo kuwa 25 Ruhuhuma uno mwaka. Abagabo bane harimwo uwurongoye urwaruka rw’imbonerakure kuri uyo mutumba, ni bo bakekwa kuba barakoze ico caha. Amakuru dukura aho mu Kayanza yemeza ko bose bapfungiwe muri komisariya y’igipolisi mu Kayanza, ariko iyo dossier itariko iratera intambwe mu butungane.
II. Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi baba mu kigo ca campus Buhumuza mu ntara ya Cankuzo, barasaba gusubizwa udufranga twabo twanyurujwe n’ubaserukira bita délégué. Ayo mafranga akaba ari ayarategekanijwe kuriha amatara n’amazi ku kiringo c’umwaka wose, vyategerezwa gukorwa n’uyo abaserukira Chadrack Tuyihimbaze. Abanyeshure bakaba bafise amakenga menshi kubera ubuyobozi bwa campus bushaka gushiraho umugwi wiga ikibazo, mu gihe uwagirizwa we yiyemerera ko yayakoresheje ibijanye n’urudandazwa rwiwe. Abo banyeshure bagasaba ko ubuyobozi bwa campus bukoresha itegeko rigenga abanyeshure ba kaminuza y’Uburundi.
III. Hari icinyegeje inyuma y’ingingo yafashwe n’ubushikiranganji bwo hagati mu gihugu, mu kwankira umugambwe CNL gukora ikoraniro ryawo ryari ritegekanijwe kuri uyu wa gatanu. Ivyo bishikirizwa n’umunyepolitike Tatien Sibomana. Ni mu gihe ubushikiranganji bwo hagati mu gihugu, bwankiye umugambwe CNL gukora ikoraniro ryawo, ngo kubera ikete barungikiye ubwo bushikiranganji ryarimwo ikosa. Tatien Sibomana ahamagarira leta kwikebuka, ikareka gukoresha ka mwana wa mama, kuko umukuru w’umugambwe CNDD-FDD yama ariko aragirisha amanama atacamira.
IV. Ikiganiro Kw’Isôko c’uno musi kiza kuraba ibijanye n’itegeko ry’umukuru w’igihugu, riherutse gushiraho umugwi nshingwabikorwa w’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH.